Accueil > Amakuru > Mu makungu > Guinée : Ebola yihaye inkumbi aho abagera kuri 61 beretse umukondo (...)
Guinée : Ebola yihaye inkumbi aho abagera kuri 61 beretse umukondo ijuru
dimanche 20 Ndamukiza 2014
Mu gihugu ca Guinée indwara ya Ebola yamaze kwigaragaza ku bwinshi, mu gihe abagera kw’109 bamaze gufatwa n’iyo ndwara, abandi nabo bagera kuri 61 nabo baramaze kwitaba Imana.
Inyuma y’ibipimo vyagiye biraca muri zimwe mu nyubakwa z’ibipimo vy’amagara y’abantu kuva mu kwezi kwa Nzero, bikaba vyaragaragaye ko iyo ndwara ya Ebola atari agaseseshwa rumiri ihari muri ico gihugu. Muri Reta ya Guinée rero bakaba bahagurukiye ikibazo c’iyo ndwara, aho ndetse umuvugizi wa Reta Damantang Albert Camara amenyesha ko Reta atako itazokora mu gutuza ico kiza.
Mwomenya ko ibice bikazemwo ico kiza ca Ebola ari Guéckédou mu Bumanuko bw’ico gihugu aho abantu bagera kuri 34 kuri 58 bari bafashwe n’iyo ndwara aribo bitavye Imana, nayo i Conakry ku murwa mukuru abantu 15 kuri 36 bari banduye Ebola akaba aribo beretse umukondo ijuru.
IGIHE
Messages
20 Ndamukiza 2014, 13:32, par Mahirwe.
Ni mutubarize iyo ndwara ifata gute??
21 Ndamukiza 2014, 07:42, par kimeneke
woba uyirwaye?ibimenyetso ni ivya malaria hanyuma ahantu ku mubiri hose hari intoboro hava amaraso