Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Guinée Equatoriale : Amatora yatsinzwe n’uwumaze imyaka 36 ku (...)
Guinée Equatoriale : Amatora yatsinzwe n’uwumaze imyaka 36 ku butegetsi
vendredi 29 Ndamukiza 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Guinée Equatoriale, Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatorewe kubandanya kuyobora ico gihugu.
Uwo yatsinze amatora amaze imyaka 36 ku butegetsi, akaba ariwe mukuru w’igihugu wa mbere wa Afrika amaze igihe kirekire ku butegetsi kurusha abandi bose.
Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatsinze amatora ku majwi 94 kw’ijana, akaba muri ayo matora yari ahanganye n’abo bahiganwa batandatu, ariko aho mukamenya ko imigambwe ikomeye muri ico gihugu itavuga rumwe n’ubutegetsi yanse kwitaba ayo matora.
- Teodoro Obiang Nguema Mbasogo yatsinze amatora ku majwi 94 kw’ijana
Teodoro Obiang w’imyaka 73 yahiritse ubutegetsi bwa se wabo haheze imyaka 36, akaba agiye gusubira gutwara Guinée Equatoriale, kimwe mu bihugu vya Afrika bifise ubutunzi bwifashe neza kubera peterori iri muri ico gihugu, ariko abanyagihugu b’ico gihugu bakaba babayeho mu bukene ntangere.
Ivyegeranyo vyerekana ko muri ico gihugu uburenganzira bwa kiremwa muntu butubahirizwa neza, akaba kandi ari kimwe mu bihugu vyaseserejwe n’igiturire kw’isi.
IGIHE
Messages
29 Ndamukiza 2016, 12:15, par VUGA
Afirika,kugirubwicanyi,bugabanuke,nuko,abaperezida,bose,bojahamwe,kukobihaye,kugiribihugu,nkivyabase,nahandiho,umwewese,abikora,kukoyiyuviriye,zikivuga,ntakubihanganira