Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinnée : Ikiza Ebola kibandanya ciha inkumbi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Guinnée : Ikiza Ebola kibandanya ciha inkumbi

Guinnée : Ikiza Ebola kibandanya ciha inkumbi

dimanche 5 Gitugutu 2014

Ibintu bikomeza gukomera mu gihugu ca Guinée, aho ikiza Ebola gikomeza kwiha inkumbi. Ibiharuro bikomeza kwiyongera uko iminsi igenda.

Abantu 1234 ni bo bamaze gufatwa, 748 nabo bakaba baritavye Imana nk’uko bishikirizwa n’umurwi w’igihugu washinzwe kurwanya ico kiza muri ico gihugu , ufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS. Ibitigiri vyo nyene vy’abamaze kwandura kuva mu kwezi kwa Ntwarante uno mwaka w’2014 ni1013 muri abo 570 nibo bitavye Imana. Ku wa 2 Gitugutu naho abategetsi b’ico gihugu bamenyesheje ko hariho abandi 36 bafashwe nico kiza.

Hari n’abandi 115 barwaye muri abo 85 baratowe iyo ndwara ,32 nabo barikekwa gusa ariko bararindiriye inyishu zizova mu bipimo ,abo nabo barwariye mu bigo vyishinze kwakira abarwaye iyo ndwara.


Floxella Karire

Messages

  • birabaje kuko nibatanyaruka abanganga bahige umuti ningoga abanyafrika tuzohera umwumwe kuwundi MANA dutabare nkuko watabaye abanyisirayeri akabacana mukiyaga kikabonekamwo inzira MANA ya ibrahim MANA ya eliya MANA ya mosse iriyo MANA yacu nukuri turabanyavyaha ariko ntudutererane tugirire imbabazi uzoba ukoze tubisavye twizeye uzodufasha kurwanya indwara ya ebola mizina ry’umwamiwacu YESU KRISTON amen .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.