Accueil > Amakuru > Amatongo > Gukinga imiriro ya Nyakanga ni nkenerwa
Gukinga imiriro ya Nyakanga ni nkenerwa
lundi 24 Ntwarante 2014
Ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije rihamagarira ba buramatari b’intara kwitaho gukinga imiriro ya nyakanga ikunda kwibonekeza na cane cane mu gihe c’ici.
Abagenzi b’ibidukikije basaba ba buramatari b’intara guhagurukira ico kibazo c’imiriro, na cane cane mu ci ryimirije ry’umwaka w’2014.
Mamert Sabushimike asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije yamenyesheje ko abo ba buramatari bakwiye gufatira ku cegeranyo cavuye muma komine 29, aho basanze imiriro ya Nyakanga yarateye amakomine atari make mu mwaka urangiye w’2013.
Mamert Sabushimike yamenyesheje ko imiriro ya Nyakanga ituma habaho inkukura, kimwe muvyonona isi bigatuma ibikoko bihona n’ibindi binyabuzima bitandukanye bikahatikirira
Floxella Karire
Messages
16 Ntwarante 2015, 10:44, par mukobwajana
JE SUIS UNE AMIE DE LA NATURE ..KO TWEBWE TUTIVUMVIRA KAZOZA MUBONA TUJA HE..!!!NTA SONI ZOGUTURIRA EHE MU MA QAURTIERS YA BUJA HARI ABATURIRA MISI YOSE INCENGA Z AMAKARA NTA WUBAKOMA NAHO ABABANYI BOVUZA INDURU ..CHEF WA QUARTIER BAMUHA 2000 ABA YEGAMYE ..EWE BASHA TUJAHE ..MU GIHUGU BATURIRA UKURI KWAMYE INTWARO NTACO IVUGA MURI MAKE IBITURIRE NTIBIFASHA NGO AMATEGEKO AKURIKIZWE..