Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Gukura amaboko mu mpuzu ni kwo kuzotuza inzara mu gihugu
Gukura amaboko mu mpuzu ni kwo kuzotuza inzara mu gihugu
samedi 29 Ruheshi 2013
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi umupfasoni Odette Kayitesi, kuri uyu wa gatanu niho yugurura icese umurongo w’ubuhinga ngurukanabumenyi, mu gisata c’uburimyi n’ugufungura mu burundi.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yavuze ko ubwo buhinga ngurukanabumenyi buri kuri www.country.stat.org/bdi, buzofasha abahinga kugira ivyirwa vyabo mu bisata vyinshi bitandukanye nko mu bijanye n’ukumenya umwimbu, ibiciro ku bidandazwa biba vyimbuwe, urudandazwa mpuzamakungu, ibigurishwa, n’ibindi. Ivyo rero bikazofasha mu kurwanya ubukene ndetse bukaranduranwa n’imizi nk’uko umupfasoni Kayitesi Odette abivuga.
Mu ri iyi minsi rero biraboneka ko igisata c’uburimyi n’ubworozi citaweho mu Burundi ndetse abantu atari bake bakemeza ko bukebuke inzara ivurwa mu gihugu izoteba ikaranduranwa n’imizi. Ku bw’umwete w’abanyagihugu n’abategetsi batandukanye vyibonekeza mu gihugu, biragaragara ko inzara mu minsi izotuzwa burundu.
Abarundi bahamagarirwa gukura amaboko mu mpuzu ku gira inzara yama iriko irahekura abarundi n’Uburundi iranduranwe n’imizi.
Aristide Nizigire