Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gushika n’ubu abanyeshure ntibagira ibitabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gushika n’ubu abanyeshure ntibagira ibitabu

Gushika n’ubu abanyeshure ntibagira ibitabu

mercredi 9 Gitugutu 2013

Inyuma y’ukwezi kumwe gusa amashure atanguye ndetse inyuma y’ukwo kwezi nyene hatanguye umugambi wa Leta w’’ishure nshingiro, umupfasoni Eularie Nibizi asanzwe arongoye urunani rw’abigisha bahurikiye muri STEB, avuga ko n’ubu ibikoresho mfashamwigisha bigikenye.

Kuri ivyo, umupfasoni Nibizi ba avuga ko gushika n’ubu ikibazo c’abigisha batanga ivyirwa batize kigisibije. Uyo mupfasoni amenyesha ko umwigisha yategerezwa kuronka uburenganzira bw’ukwigisha ivyo yize, kuko iyo umwigisha adafashwe neza nawe adaheza ngo afate neza abo ajejwe kurera, kuko umwigisha atanga ico afise. Ikindi uyo mupfasoni yavuze akaba ari ingorane z’ukubura ibikoresho mfashamwigisha bitaraboneka. Aha avuga nk’amashure atagira ibibaho, ayandi atugarika, ayandi nayo ugasanga atagira intebe. Eka si ivyo gusa kuko n’ibitabu vy’abanyeshure umupfasoni Eularie Nibizi avuga ko bitaraboneka, kandi vyari bimenyerewe ko umwana ategerezwa kuba afise igitabu, mu gihe abafise ibitabu usanga ari abigisha gusa. Izo ngorane rero, umupfasoni arongoye STEB amenyesha ko zizosubiza inyuma indero mu Burundi, umwimbu ukagabanuka muri ico gisata, na rirya n’abigisha batowe kugira baje kugira inyigisho z’ishure nshingiro baronse igihe gito c’amahugurwa.

Eularie Nibizi akaba yasavye Leta ko ikibazo c’inyigisho z’ishure nshingiro yocitwararika cane, kuko ingorane zatanguye zibonekeza kuva uyo mugambi ugitangura kuvurwa n’ubu hari izitaratorerwa umuti. Ivyo rero bikaba bizogira ingarukambi ku bana, kuko umwana yize mu bihe bitameze neza, adaheza ngo amenye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.