Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gushira amafoto kuri Internet bisigaye biharawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Gushira amafoto kuri Internet bisigaye biharawe

Gushira amafoto kuri Internet bisigaye biharawe

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Nimba gushira amafoto yawe kuri facebook, twitter, video canke ku wundi muhora vyabaye impararo. Benshi mushobora gusanga hari amafoto abatera ingorane.

Izi ngingo zikurikira nizo zizobafasha kwirinda izo ngorane:

1. Kubanza kwiyumvira neza imbere yo gushirako foto (kuri internet)

Gushira ifoto kuri internet ni ikintu co kwitondera. Imbere yo gushira ifoto kuri internet, wobanza kumenya ifoto ushizeko uko umeze, n’umuhora uyishizeko. Ivyo ubigira kuko ishobora kubonwa n’uwariwe wese.

2. Kugereranya abashobora kubona amafoto washizeko

Ifoto yose ushize kuri internet urashobora kugena abashobora kuyibona uba wihitiyemwo. Kugira ubashe kugenzura abaraba amafoto washize kuri internet, ushobora kubikora wifashishije urutonde rw’abagenzi bimwe bita mu gifaransa liste d’amis.

3. Kugenzura abashobora kukumenya («TAG»)

«Tag» ni ubuhinga butuma ushobora kumenya uwuriko araraba ifoto yawe cokimwe n’uwuyiraba kenshi. Ubwo buhinga butuma ifoto yawe ibona uwo ushatse. Uwo wahisemwo ko ashobora kubona ifoto yawe, ushobora kumwaka ubwo burenganzira igihe cose ubishakiye.

4. Uguhindagura amafoto

Ivyo ushobora kubikora wifashishije ubuhinga bwa «cloud computing» canke smartphone. Iyo ushatse naho kubihagarika navyo nyene birakunda. Naho amafoto adaca abonwa na bose ubwo nyene, mu bugenzuzi bw’umuhora barashobora kuyabona, bakayakoresha mu kwamamaza mutabivuganye.

5. Gufuta amafoto atabereye

Mutegerezwa gusaba uwagaragaje ifoto ishobora kuba itera ikibazo kuyikurako. Mutaronse inyishu, murashobora gusaba ko ivanwaho. Ivyo navyo mu kubikora, mwandikira icicaro gikuru c’umuhora wa internet iyo foto iriko. Igihe atakivuyemwo, murashobora kubicisha ku rwego Cnil canke mukitura inyamiramabi


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.