Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Gusubiramwo ibwirizwa shingiro ntibigamije kwongera ikiringo umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Gusubiramwo ibwirizwa shingiro ntibigamije kwongera ikiringo umukuru (...)

"Gusubiramwo ibwirizwa shingiro ntibigamije kwongera ikiringo umukuru w’igihugu"

lundi 11 Munyonyo 2013

Reta y’Uburundi yarafashe umugambi wo gusubiramwo ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa shingiro. Uwo mugambi wazanye ukutabona kumwe intumbero yawo kuko abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ari ukurondera kwongera ibiringo vy’ugutwara umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Inyuma y’impari nyinshi zimaze iminsi, Reta y’Uburundi yavuye mu gacerere imenyesha ko uwo mugambi n’ukwongera ibiringo umukuru w’igihugu ataho bihuriye.

Biciye kuri Firipo Nzobonariba, umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru, Reta y’Uburundi imenyesha abarundi n’amakungu ko mugufata ingingo yo gusubiramwo ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ata mugambi urimwo wo gufasha umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuronka ikindi kiringo co gutwara igihugu mu matora yo mu mwaka w’2015, nk’uko abatari bake bavyiyumvira.

JPEG - 66.7 ko
Firipo Nzobonariba, umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi

Mu rwandiko yasomeye ku mboneshakure y’igihugu, Firipo Nzobonariba, umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru wa Reta y’Uburundi amenyesha ko mu gufata iyo ngingo ata ciyumviro co kwongera ibiringo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bari bafise, ivyo akabivuga yisunze ko ku bwiwe mu ngingo zitegekanijwe gusubirwamwo ata n’imwe ivuga ibijanye n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu.

Ukutumvikana kuri ico kibazo c’ibiringo vy’umukuru w’igihugu nikwo kwibonekeza hagati y’umugambwe uri ku butegetsi, iyitavuga rumwe nawo hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi bemeza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amaze gutwara ikiringo kimwe kuva mu mwaka w’2010, ko asigaranye ikindi kiringo kimwe yitorerwa n’abanyagihugu, kuko mu mwaka w’2005 yatowe n’abashingamateka.

Abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ntibavyumva nk’uko bishikirizwa. Kubwabo, abavuga ko Petero Nkurunziza asigaranye ikindi kiringo, bitiranya ikiringo c’umukuru w’igihugu n’ukuntu aba yatowe. Basigura ko umukuru w’igihugu uko aba atowe kwose ikiringo ciwe kiba cuzuye kandi giharurwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Emwe turagowe mpaka bibaye nko muri RIBIYA . Mbe ko bavuga ngo nikiringo kimwe ico kindi gihe yahtwara ikihe Gihugu? Yarakirongoye Cndd Fdd? Ahoho nubu ntaratwara. UBURUNDI ngira nuko abamufashije igihe yaramaze Atari bwabahungure baje niho yaciye atangura guharura ko atwaye. Ntimugoke ngo murihindure nico gituma muriko mwirukana UN And ON?

  • eeehhh! babacungire hafi kuko nibareb nabi azokwiyongez indi mandant!

  • ARIKO,MURIRA IBIKI,YAKUYE.UBURUNDI.KURE,nkurunziza niwirambire pe.

  • ntakabuza turaba nko muri madagascar!baremeza nyene ko atwaye mandat imwe!!!’ibara!

  • Nibamureke atware uburundi kuko yabukuye ahatemba, kuko akora ibikora inka.

  • Uguhindura bimwe na bimwe mwibwirizwa nshigiro birakenewe kubera ibihe turimwo. Ariko ukwo tuvyumva, abarundi turakwiye kuja inama muvyo dukora vyose. Iyo abantu benshi bamaze kuvuga ko hari amanyanga agomba gukorwa ari inyuma nukuri ni ukuvyumviriza. Kandi ibuye riserutse ntiriba ricica isuka.

    Kuvyerekeye ivyo kwirukana BINUB mu burundi, najewe ndashigiye kweli ko hataragera kuko twimirije ibihe bigoye vyamatora aho hakenewe ko ishirahamwe nkiryo rizoba rikenewe. Kandi turabona ko igitsure ca BINUB ko gikewe cane kuri aba ba nye politique bu Burundi.

  • kuba mahindagu niko kubura ijambo ukutagira ijambo nako niko kubura iteka kandi umugabo yihindukiza kukirago ntiyihindukiza mwijambo
    mbega ndababaze iy ’arusha hagiye cndd fdd yonyene
    bayamaze bati! kayibage kavamukanwa kanyene inka
    iyomenya izamunyuma

  • Uwanditse iyi nkuru arajuragiza. Firipo yavuze/yasomye ivyo kubwa reta avugira. Ariko hari aho muvuga ngo "kubwiwe" woc umengo yavuze ivyiwe. None ukuri kuri he!!

  • ni hatari kabisa,hasigaye aho imana ikora kuko ibikorwa n`abana b`abantu nibisesema k`uhoraho, nibatihana ngo bumve ijambo ry`imana vyose bizakomvomvorwa

  • Nyakubahwa president nkurunziza yari umukuru wumugambwe cndd FDD aka a umushikiranganji ighe hab amasezerano ya arusha ubatwara umugambwe ubu barabana biwe niwe yabisinye navugishe ukuri atwaye rimwe cable kabiri ikibazo cumugambwe wise nukujijisha abarundi nabangurukanye time ye ukuri twebwe batobato

  • karabaye ibara rizorwa mugihu cuburundi niba agira yiyongeze manda yagatatu ngirambaze kandi munyishure ese kwavuga yuko amaze gutwara manda imwe kurimanda yambere igihugu cuburundi catwarande?nibatubwire?mbega agira agire nkakagame murwanda urwanda yarugize nkakarima kiwe?oya muburundi ntibishoka.

  • NIBAMUREKE ATWARE BUYOYA YAKUBISEKUDETAZINGAHE? KOBATAMUVUGAGA BARABENEZA NTIBASEMANDA BASUBWOKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.