Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutambuka n’amaguru bifise ingaruka nziza ku magara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Gutambuka n’amaguru bifise ingaruka nziza ku magara y’abantu

Gutambuka n’amaguru bifise ingaruka nziza ku magara y’abantu

lundi 29 Ndamukiza 2013


Kugira ibinure vyinshi mu mubiri, biri mu bituma umuntu agira ingorane zo guhema no gutambuka neza, kugira ububabare bwo mu mugongo budahera , canke kubabara mu bitugu. Hari n’igihe umuntu acagira umubiri wumye.

Ibinure vyinshi mu mubiri bitera indwara nyinshi, nka za diabete , hasima , eka n’indwara nyinshi zo mu mutima kuko iyo umuntu afise ubinure vyinshi, ntivyoroshe ko haba uruja n’uruza rw’amaraso nk’urya afise ibinure bigereranye. Ni vyankenerwa ko umuntu acungera amagara yiwe kugira ashobore kuramba.

Muri ico gihe, abantu benshi baca bibaza ingene bashobora kugabanya ibiro batarinze gusesagura ubutunzi bwabo, barondera bwa buryo bunyaruka bwo guta ibiro.
Tubifashijwe nawa murongo ngurukanabumenyi “utile.fr”,hari impanuro turonswa kugira ivyo binure bita ngo ni vyinshi bigabanuke.

Uyo umuntu rero ashaka guta ibiro, hari uburyo bwiza ashobora guhitamwo. Ubwo buryo nabwo ni “gutambuka n’amaguru”. Ni vyankenerwa ko umubiri uguma uriko urakora kugira amaraso atembere neza mu mubiri. Ivyo navyo ntibisaba inguvu nyinshi canke kwinonora imitsi mu buryo burengeye.

Gutambuka n’amaguru ni uburyo bwiza bwo gukingira amagara. Aho umuntu yoca yibaza ati” Ni ryari noshobora kugira uwo mwimenyerazo wa minsi yose”. Ashobora kubikora agiye ku kazi kiwe, agafata nk’igihe ntagendere mu muduga , ashobora kuba agiye nko gusuma mu minsi y’akaruhuko, canke atwaye nk’abana ku mashure. Aho hose , ashobora kubikora ariko aratumbuka n’amaguru.

Iyo dutambutse n’amaguru , imitsi iba iriko irakora mbere n’igihe woba uryamye mw’ijoro. Ariko ivyo ntibikwiye gusa kugira umuntu ashobore gushika kuri ca cipfuzo co guta ibiro. Gutambuka n’amaguru bituma ama karori ari mu mubiri asha ningoga , ariko umuntu ategerezwa kwicungera ingene afungura no gukurikiza ampanuro ziba zatanzwe.

Gutambuka n’amaguru ni vyankenerwa mu gihe intumbero ari iyo guta ibiro. N’imiburiburi umuntu yotambuka iminota mirongo itatu, iyirengeye iyo nayo , ni ukuvuga nk’iminota 45 canke isaha vyoba ari vyiza gusumba. Mu gitondo imbere yo gutangura umunsi, gutambuka n’amaguru bituma umubiri ugira inkomezi n’imitsi igakomera. Ku mutaga, ni vyiza kugira ako gatambuko imbere yo gufungura. Ku mugoroba naho, iyo imirimo iheze, uburuhe atari bwinshi , gutambuka n’amaguru bituma n’imitsi inonoka.

Gutambuka iminota mirongo itatu ku munsi ni ingendo nziza , ariko muri iyo minota mirongo itatu, umuntu arashobora kuza arahindura uburyo bwo gutera intambuko. Kugira intambuko ndende bituma amaguru akora, aho naho ibinure biba biriko biragabanuka.

Ni munezerererwe gutambuka n’amaguru atari kurondera gusa guta ibiro ariko kubw’ineza y’amagara meza. Iyindi mpanuro ni vyiza guca unywa amazi kugira usohore imicafu yari mu mubiri.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.