Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutanga akazi hisunzwe ubwoko n’intara intandaro y’ukunyinyurana muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Gutanga akazi hisunzwe ubwoko n’intara intandaro y’ukunyinyurana muri (...)

Gutanga akazi hisunzwe ubwoko n’intara intandaro y’ukunyinyurana muri kaminuza

vendredi 15 Munyonyo 2013

Ukunyinyurana hagati y’abagize sendika y’abigisha n’abarongoye kaminuza y’Uburundi kurabandanya ku bijanye n’itangwa ry’akazi ku bigisha 30, mu gihe abarongoye iyo sendika bavuga ko amategeko atakurikijwe mu gutanga akazi aho muri kaminuza.

Abahurikiye muri sendika bavuga ko, hari amanota umuntu ategerezwa kuba afise kugira aje kuba umwigisha muri kaminuza y’Uburundi, umuyobozi wa kaminuza Gaston Hakiza avuga ko hari abemerewe badashikana manota 70 kw’ijana, kugira ubwoko bwose buserukirwe muri iyo kaminuza co kimwe n’ibitsina. Gaston Hakiza rero akaba yabariye bagenzi bacu bo ku nsamirizi y’abanyagihugu RPA ko hari ibisata nk’ic’amategeko n’ic’ubutunzi usanga vyigishwamwo n’ubwoko bumwe, intara imwe, akaba ari muri iyo ntumbero bariko bararondera gushiramwo ubwoko bwose, intara zose n’ibitsina vyose.

Muri sendika STUB si ukwo bavyumva. Bavuga ko mu gisata c’inyigisho za kaminuza, atari igisata ca politike aho bazanamwo ivy’ubwoko. Uwukwije amanota wese yoronswa akazi atavy’ubwoko canke intara bigiyemwo. Muri iki gihe rero abari muri iyo sendika, bakaba bariko barabonana n’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo. Abari muri iyo sendika bakaba bavuga ko atakivuyemwo bazoca bahagarika akazi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe Gaston urambabaje, rya bike uryame kare, rya ivyo wari umunyereye warize none reka gukwirikira mwene numupfasoni wawe umuyaga uguruka, amaronko yisi ntaco amaze ndabitegereza mukansiga mwene priscilla birababaje ingene ugomba gutembagaza universite, mbe nikubera iki umuntu ahitamwo kugwa murudubi akemera kugenda abantu bamutera amabuyi,? mbe mwibaza ko ivyo bitazobakwirikirina canke murazi ko muriko mwimbira ikinogo abana banyu. basha ibandanirize.

  • Sha Rita urarengeje kabisa. Imvugo nkiyo sinibaza ka ari iy’umuphasoni. None yiyimbira icobo gute? Mbega nawe umeze nkabamwe badakunda abategetsi baturongoye bagaca bagenda baravuga ko batwarwa n’abishinga gukina umupira ataco bitaho!!? Oya siko biri ivyo bakora birashimishije. Ariko ntibitangaje nawe nca mbona ko ataho utaniye na babandi bagira ngo " MWA RWARUKA RW’ i BURURI, AMASOMERO NGOYO NI MWIGE ABO VYANKIYE NABO MUJE MU GISOTA. NAMWE B’ i NGOZI NINTARA ZA RUGURU NIMUJE KURIMA IKAWA KUKO NI INJABUKA MAZI. UPRONA OYEE. NIWEWE DUHANZE... OYA! NIWEWE WADUKWEGEYE AYA YOSE TUBONYE.

  • Birashimishije kweli. Ariko Ubushikiranganji bw’ama Kaminuza nibuce buraba burenganure abanyeshuri bo kuri Université Ntare Rugamba kuko sinumva igituma babima ama Diplômes kandi bamaze imyaka irenga 2 ibiri barasomye ibitabo. Uwugiye wese kubwitura bammishura ngo naje kubaza abayobozi ba Ntare Rugamba nabo wababaza bakakwereka ordonance Ministre Julien Nimubona yagiye abahaye. Ubu rero ntidutahura ukuntu nizivuka inyuma nka Sagesse, ISD Ngagara, Muyinga n’izindi ziguma zitera imbere abize kuri Ntare Rugamba twifumbereje ( Igitangaje cane n’uko iguma ikora ukuri kwamye). Abamenyesha makuru ni mutohoreze tumenye ikituboheye amaboko imugongo. Murakoze.

  • Heee nibabigire nabo barabibona abo bigirirwa nibo benevyo ejo haza abo bategetsi barabigira bikebuka

  • abantu bakwiye kuvuga ata fanatisme z imigambwe ,,Universite igomba kuronka la creme mu bigisha none hazotwara nde ejo !!Afise ubumenyi ubuhe!!!
    Tureke kuraba ibitagira kazoza ,,None democratie ni ukuvuga gufata ibidafatika!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.