Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Gutanga si itunga" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Gutanga si itunga"

"Gutanga si itunga"

vendredi 13 Kigarama 2013

Hari abantu bafise ubutunzi burengera ubwenge bwabo ariko hafi yaho babaye canke bakorera hari abashonje, batagira aho bataha, barwara ntibavuzwe, bavyarira mw’ibarabara, abana babo bagakurira aho. Hari n’abandi usanga ata kinini birengeje, ariko bike bafise bakagerageza bakabisabikanya n’abatagira ikibarengukako.
Ndayisenga Adamon ari mumurwi w’abo bantu bafise bike ariko biyumvira gusabikanya n’abantaho nikora.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, amenyesha ko amaze imyaka irenga cumi, afasha abarushwa bari mu mabohero, mu bitaro n’ababa mu ma barabara yo mu gisagara ca Bujumbura. Ku munsi ku munsi arakira abaje gutora imfashanyo.
Adamon avuga ko ubuzima bwo mw’abarabara abuzi kuko yabubayemwo. Avuga ati : « ubwo buzima ndabuzi narabubayemwo, sindibwibagire inzara, imbeho n’indwara vyo mw’ibarabara, ariko Imana Rugira Vyose yarahindukije amaso irambona maze irankiza ayo marushwa, ni co gituma nanje ngerageza gufasha abo bagowe».

Umuntu wese yokwibaza iyo Adamon akura amahera akoresha mugufasha abo bantu. Hari uwo hava yibaza ko ari umutunzi, canke ko yoba asaba imfashanyo mu gufasha abo bantu. Agendera abari mu bitaro canke mu mabohero, batagira shinge na rugero, bamwe batagira mpingayanje, iyo agiye kubitaro canke kugarukira ku banyororo bimutwara amahera menshi gusumba ayo aha abo mw’ibarabara. Nk’uko avyivugira, « gutanga si itunga, hatanga umutima kandi nta muntu afise ivyiwe. Vyose ni ivy’Imana kuko ibitanga atagishije inama kandi ikabitwara uko ibishatse, ni co gituma gusabikanya n’abandi atabuhombe kuko ureka gufasha uwugowe nawe ejo ugakenera uwugufasha, ugahava usanga uriko usaba uwo wimye, kuko uko bukeye si ko bwira ».
Adamon uko indwi iheze asanga yakoresheje amafaranga y’amarundi arenga 30.000, aho ni mu gihe muri iyo ndwi aba atagiye ku bitaro canke kugarukira ku bari mw’ibohero. Ayo mahera kuri we abona ko ari make cane agereranije n’ubwinshi bwabakeneye imfashanyo. Igitangaza kiri muri uwo mutima mwiza wo gufasha, n’uko atigera abona ubukene butewe nayo mahera atanga. Ahubwo aho avuga haca hinjira ayasumba ayo yatanze.

Mu buzima bwa minsi yose, Ndayisenga Adamon adandaza imigufu ikozwe mu mabuye yagaciro(Bijoutier), akongera agakongera agateka ivyo kurya(restaurant), ako kazi akora niko kamutungiye umuryango wiwe ugizwe n’umugore n’abana babiri.
Adamon arangize asaba abantu kwibuka ko kubaho neza canke nabi atawubisaba, birizana. Uwagize Imana ntiyiyite umuhinga ahubwo yibuke ko hari aba abashonje, n’abarwaye batagira mpore ma!


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.