Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hafashwe ingingo yo kwirukana abadandariza impande y’isoko ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hafashwe ingingo yo kwirukana abadandariza impande y’isoko ya (...)

Hafashwe ingingo yo kwirukana abadandariza impande y’isoko ya Bujumbura

jeudi 22 Myandagaro 2013

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma yakoresheje inama abadandaza bakorera impande y’ahahoze isoko hamwe n’abahoze badandariza mu kibanza "Le grenier du Burundi." abamenyesha ko mu ndwi buca itangura, kuva ku genekerezo rya 26 Myandagaro 2013 bategerezwa kuba bahavuye bakaja kurondera ibibanza mu masoko ari muma komine. Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yasavye kandi abantu bose bahora bacurururiza ivyamwa muri "Le grenier du Burundi" ko umuntu wese adafise inomero y’ubudandaji "NIF" ya OBR atokwirirwa araja kurondera ikibanza.

Abahora muri "Le grenier du Burundi" bazosubizwayo muri iyi ndwi itangura hatarenze ku musi wa gatatu, ariko basabwa kuba bafise iyo nomero "NIF" nabo nyene. Abandi nabo bakaba bariko babategurira ikibanza impande ya Athené Primaire.
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma asaba ko atawosubira kudandariza mw’ibarabara mu gihe badatunganije neza ivyo basabwa. Ahamagarira abo badandaza bahora muri "Le grenier du Burundi" n’abadandariza mw’ibarabara ko ku munsi w’ejo kuwa gatanu isaha munani boca kuri mairie kugira berekane ivyemeza ko ari abadandaza. (NIF)

Umushingantahe Vincent Minani arongoye akongera agaserukira ishirahamwe ry’abadandaza n’ibidandazwa ODECO asaba ko hohabwa ibibanza abahora bahakorera ( mu kibanza le grenier du Burundi), kuko bafise amakenga ko mu kubitanga hashobora kujamwo amanyanga. Ati : "Abadandaza benshi iyo nimero NIF ntayo bari bafise, ndetse ntibari baranavyigishijwe kuko kugira uronke NIF n’uko uba usanzwe ufise igitabo c’ubudandaji. Minani Vincent agasaba ko abo badandaza bobaha amezi atatu yo kwitegura, bakarondera ivya ngombwa vyose. Ivy’ico kibanza co kuri Athené primaire ni nk’uguhendana kuko ico kibanza gushika ino saha nticubatse."

Iyo ngingo ikaba itanezereje abadandaza twaganiriye kuko amakenga ari menshi na rirya isoko yo kuri Cotebu iriko irahera. Abo badandaza bamenyesha ko bari bakwiye kubaha ikibanza kuri Cotebu. Bati : "Ukwo ni uguhohotera umunyagihugu asanzwe amerewe nabi muri kino gihe kuko ni bake bafise iyo NIF.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.