Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hagati ya Reta n’abafasha Uburundi ni nde afasha uwundi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Hagati ya Reta n’abafasha Uburundi ni nde afasha uwundi?

Hagati ya Reta n’abafasha Uburundi ni nde afasha uwundi?

mercredi 25 Ruheshi 2014

Amafaranga igihugu c’Uburundi kimaze gukoresha kuva mu ntango z’umwaka w’2014 mu burusho buhabwa abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi niyo menshi kurusha ayamaze kwinjira mu gihugu yemewe n’ivyo bihugu biserukiwe. Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta avuga ko amafaranga yemewe aza mu mwanya uba warumvikanweko.

Mu mpera y’ukwezi kwa Ntwarante 2014, amahera yinjiye mu kigega ca Reta atarimwo ingabire mpuzamakungu y’ukurangura imigambi n’ay’ikigega rusangi c’indero (hors dons projets et Fonds Commun de l’Education), angana imiriaridi 175,757 z’amafaranga y’amarundi. N’ukuvuga ko ku miriyaridi 759,987 zategekanijwe kwinjira mu kigega ca Reta uwu mwaka w’2014, hinjijwe ibice 23,1 kw’ijana.

JPEG - 16.7 ko
Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta, Désiré Musharitse

Ibituma vy’iryo gabanuka ry’amahera yinjiye mu kigega ca Reta vyatanzwe n’uwurongoye OBR ni isubirwamwo ry’itegeko rigena amakori ryorohereza abatanga ikori na cane cane igisata c’abikorera utwabo (secteur privé), ryatumye Reta itinjiza mu kigega cayo amahera ashika miriyaridi 9 z’amafaranga y’amarundi mu mezi atatu ya mbere y’umwaka w’2014.

Igabanywa ry’icijana c’ikori ryavuye ku bice 35 kw’ijana rija ku bice 30 kw’ijana (taux d’imposition) n’ihanagurwa ry’ikori ry’igice 1 kw’ijana ritozwa ku mwimbu w’ishirahamwe igihe rihomvye.
Iryo gabanuka ry’amafaranga yinjiye mu gihugu ryavuye kandi ku ngabire mpuzamakungu ziteganijwe ko Uburundi buzoronka uwu mwaka zababa imiriaridi 101 z’amafaranga y’amarundi, ariko mu mpera za Ntwarante hakaba hari hamaze kuboneka imiriyaridi zirenga 6 z’amafaranga y’amarundi. N’aho amafaranga Reta yari yiteze ko yinjira ataraboneka, ntikibuza Reta yari imaze guha abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi (Les diplomates) imiriyaridi zirenga zitanu mu turusho (exonérations). Aho rero umuntu yoca yibaza ati : "Ni nde afasha uwundi?"

Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta, Désiré Musharitse, asigura ko amafaranga yemewe ataraboneka yose kubera aza ku mwanya uba warumvikanweko. Kuba rero ataraboneka, ni kubera ibiringo vy’ukuyatanga bitaragera, nk’uko vyasiguwe na Désiré Musharitse, umuvugizi w’ubushikiranganji w’ikigega ca Reta,


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.