IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye kuboneka akarusho mw’itangwa ry’umuyagankuba

Hagiye kuboneka akarusho mw’itangwa ry’umuyagankuba

jeudi 4 Ndamukiza 2013

Mu kiganiro categuwe n’ishirahamwe “Regideso” ku banditsi n’abamenyeshamakuru, igenekerezo rya 2 Ndamukiza 2013, Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Côme Manirakiza yamenyesheje ko vuba cane iryo shirahamwe rizotangura gukoresha ama mashine azoba ashobora guhingura megawate cumi z’umuyagankuba ku musi.

JPEG - 55.5 ko

Umushikiranganji avuga ko naho ikibazo co gukurakuranwa mu kuronka umuyagankuba kitazoba gitorewe inyishu, bizotanga akarusho kuko umuyagankuba ugabanganirizwa abanywanyi uzokwongerekana.

Kubw’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Regideso, Claudine Nininahazwe, mu gihe c’ici twimirije, urugezo rw’umuyagankuba ruragabanuka cane kuko amazi agabanuka mu ngomero kubera ubukene bw’imvura. Ubwo buryo bushasha buzofasha mu gusahiriza aho umuyagankuba uzoba wakenye.

JPEG - 45.8 ko

Ku kibazo co kumenya ko aho umuyagankuba wahora ukunda kubura mu duce tumwe tumwe bazowuronka, ashikiriza ko bazosabikiraniriza abanywanyi bose.
Ku kibazo co kumenya ko namba vy’ukuri igihugu gikurikirana itunganwa ry’urudandazwa rw’ubutare, umushikiranganji yibukije ko ari naco catumye Leta y’Uburundi ifata ingingo yo guhagarika gushika mu kwezi kwa gatanu ibikorwa vyo gucukura ubutare, kugira hajeho amategeko abitunganya, gutyo na Leta ihakure akunguko.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Regideso yibukije ko abanywanyi bidoga ko barihishwa amafaranga y’umurengera mu gisata c’amazi ko bashobora kwitura ababijejwe muri iryo shirahamwe, mu misi itarenga indwi, bakabona gutunganirizwa.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe nkorera muri Burkina Faso, igihugu kitagira inzuzi zitemba, donc, ata barrages hydroelectriques bagira ariko ntikibabuza kuba bafise umuyagankuba no mu ma petits villages reculés kuko bakoresha izo machines. Leta y’ I Burundi ahubwo sinzi ico yari yarindiriye. Imposez-vous, ntimutinye gushiraho igiciro ngo abantu baca bavuza induru. Ariko kandi n’ en profitez pas ngo muce muca amahera menshi kubera inda nini z’abategetsi bamwe bamwe batitaye ku nyungu z’igihugu. Courage Monsieur le Ministre.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.