Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye kujaho umurwi wo kwiga ibijanye n’ugufashanya kwa Somaliya (...)
Hagiye kujaho umurwi wo kwiga ibijanye n’ugufashanya kwa Somaliya n’Uburundi
vendredi 14 Ruhuhuma 2014
Mu rugendo umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Laurent Kavakure yahoramwo mu gihugu ca Somaliya, yarashoboye kubonana n’abategetsi bakuru bakuru b’ico gihugu, bakaba bashimira Uburundi ku buryo bwitanga mu gikorwa co kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Laurent Kavakure akaba yarabonanye na Abdirahman Beileh umushikiranganji w’imigenderanire ya Somaliya n’ibindi bihugu ari kumwe na Buri Hamza umushikiranganji wa Reta ajejwe ibikorwa vy’ugufashanya n’amakungu. Abo bashikiranganji ba Somaliya bakaba bashimishwa n’ibikorwa vy’abasirikare b’Uburundi bari muri AMISOM. Igikorwa rero cari cabakoranije abo bashikiranganji bose, kukaba kwari ukuraba ukwo Uburundi bwokwugurura ibiro vy’ababuserukira muri ico gihugu, na rirya Somaliya ija yarahejeje kwugurura ibiro vy’abayiserukira mu Burundi.
Inyuma y’iyo nama, umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu akaba yaramenyesheje ko ivyo bashitseko cane cane, ari ugushiraho umurwi wa bose, uziga ukwo hoshirwaho amasezerano yo gufashanya hagati ya Somaliya n’Uburundi, mu bisata bitandukanye, harimwo igisata c’umutekano, indero, uburimyi, ubutunzi, ugutwara abantu mu ndege, n’ubudandaji.









Aristide Nizigire
Messages
14 Ruhuhuma 2014, 11:18, par Nayuburundi
Shame to burundian gouvernment!! Umugwayi acibwamo arahagurutse ngw’afate urimwo kudahwa?? Abanyagihugu buburundi dutunzwe nahera ari musi yigice cidollar kumusi,ubukene n’ikigoyinumunanu biri mukwica igitigiri cabarund kinini hama ngo reta igiye gufashanya na somalia?Ivyo ni no-sence reta yirutsemwo kweli ntanyungu nimwe umurundi wohasi azobikuramwo ahubwo ni bisness plan Nkurunziza nabandi bagugunyi bo mubutegetsibigiriye kwikorera na basomali!!Mbeba ubutegetsi butitaye kumagorwa yabenegihugu babo weeeee!!
14 Ruhuhuma 2014, 12:51, par karikurubu
Haheze iminsi mvuzeko abasoda babarundi muri somalia batacumvikana mugirango ndasara,none kavaruganda yagiye kwirabira uko ikibazo kimeze, twobibutsako abasoda bo mubwoko bw’abatutsi bari muri AMISOM bigumuye kuberako cndd iriko irakora ihonyabwoko ry’abatusti hano mu burundi kandi ibi biremezw n’abahinga tutagomba kuvuga amazina ngaha.
15 Ruhuhuma 2014, 10:30, par Kabizi
Ni bidandarize abasoda bacu hanyuma Imbonerakure zihembwe muri za 200$ badutwara ngo aja mu kigega c’igihugu!
Uburundi ntaco buhuriyeko na gato na Somalie atari Amagaburanyama gusa!Ingwano yaho yatanguye muri 1991 ariko amafaranga yaho asumvya agaciro amarundi!Ubusuma gusa nibwo bwononeye igihugu cacu sinon Catemba amata n’ubuki!
15 Ruhuhuma 2014, 18:39, par Mama
Komera mushikiranganji wimigenderanire yu Burundi nayandimakungu nyenicubahiro Kavakure turinyumayawe vyasebikuze co kimwe nincuti zuburundi zirinyumayawe vyasebikunze.
15 Ruhuhuma 2014, 19:11, par freddy
Abatutsi baratay’indero, ahariho hose mutererayo induri. Ndabatwenze
15 Ruhuhuma 2014, 20:04, par emmanuel baranyizigiye
Nukuri kugira imigenderanire nayandi makungu nivyiza ariko muri Somalia muragabe ntimwibagire aho alshababe igejeje Kenya Kuna hari ambassador yabo ngaho ntuhave ub’umuryango wabagaidi muburundi ningorone uburundi bwibereyemwo zubukene nibindi vyinshi noneho vyoca vyunyuka kurusha.murakoze
17 Ruhuhuma 2014, 11:02, par Nayuburundi
Pole sana Freddy kuko amacakubiriyakunyoshe umutima.Icompa ugakira iyo ndwara