Accueil > Amakuru > Amashuri > Hagiye kwubakwa kaminuza i Gitega
Hagiye kwubakwa kaminuza i Gitega
jeudi 2 Rusama 2013
Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Joseph Butore yamenyesheje kuri wa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama 2013 ko hagiye kwubaka ikigo ca kaminuza mu ntara ya Gitega izoba ishobora kwakira abanyeshure bagera ku majana ane.
Umushikiranganji Butore Joseph yamenyesheje ko hazokwubakwa n’ibirasi vyagutse bitatu i Bujumbura mu ntumbero yo kworohereza abanyeshure ba kaminuza y’igihugu bahora biga ari benshi cane.
Ku kibazo c’abanyeshure bahejeje mu gisata c’icongereza batashoboye kurungikwa mu myimenyerezo mu gihugu ca Ouganda i Makelele nk’uko vyari bimenyerewe, Joseph Butore yishuye abo banyeshure bari babwiwe kuva muri mukakaro umwaka uheze ko batazorungikwa kubera Leta ata buryo bukwiye yashoboye kuronka.
Tukiri mu gisata c’indero, igihugu ca Egypte cahaye imfashanyo ishure kaminuza ryitiriwe amahoro no gusubiza hamwe, biciye mu buserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, Attia Abou El Naga, iyo mfashanyo igizwe n’ibikoresho vyo mu buhinga ngurukanabumenyi ikaba ije gushigikira igisata c’indero mu Burundi.
Egide Nduwimana