IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hakenewe imiliyaridi 2 y’amarundi kugira haboneke ikibanza mfatakibanza (...)

Hakenewe imiliyaridi 2 y’amarundi kugira haboneke ikibanza mfatakibanza c’isoko nkuru ya Bujumbura

jeudi 31 Nzero 2013

Umushikiranjanji w’ugufashanya kw’u Burundi n’amakungu yakoranije abaserukirai bihugu vyose kugira ababwire ingene isoko nkuru ya Bujumbura yahiye. Ambasaderi Laurent Kavakure yavuze ko hakenewe amafaranga angana n’imiliyaridi 2 y’amarundi kugira hubakwe ikibanza gishasha mfatakibanza ku kibuga c’umupira w’amaguru ca COTEBU.

Umushikiranganji w’ugufashanya Ambasaderi Laurent Kavakure yabwiye abaserukira ibihugu vyabo ko u Burundi bwagize isanganya ridasanzwe ryahitanye isoko nkuru ya Bujumbura aho yasha igatokombera ku munsi wa mungu uheze. Ibidandazwa birenza amafaranga imiliyaridi 500 y’amarundi vyarahiye hakiyongerako inyubakwa nazo nyene zahiye zigatokombera.

Yavuze ko ivyononekaye bitarahera guharurwa n’imigwi itandukanye yashinzwe na Reta ariko ngo iyo migwi yahawe ukwezi kumwe gusa. Ariko ngo ikimaze kumenyekana n’uko ata muntu yahasize ubuzima kiretse abarenga 30 bahakomerekeye bikomeye.

Muri iyo nama, umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu yarikumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura n’umushikiranganji w’umutekano. Bashikirije ko Reta yamaze gutora ikibanza co kwimuriramwo abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura. Aho naho ngo hakenewe amafaranga arenga gato imiliyaridi 2 z’amarundi kugira ico kibanza kiri ku kibuga c’umupira w’amaguru ca COTEBU cubakwe.

Abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi uhereye kubaserukira ubumwe bwa Bulaya, ibihugu vya Afirika y’ubuseruko EAC, ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’abandi bemeye ko bazofasha u Burundi kugira ico kibanza c’imfatakibanza cubakwe hamwe no gusanura isoko nkuru ya Bujumbura ikubakwa ku buryo bwa kijambere. Bavuze hahiye ikibanza gikomeye cogereranywa na World Trade Center yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bemeye kandi gufasha kugira haboneke ibikoresho vyo kuzimya umuriro no gukinga impanuka kugira isanganya nk’iryo ntirizosubire gushika.

Umushikiranganji w’imigenderanire yaciye ajana abaserukira ibihugu vyabo kwirabira ingene isoko nkuru ya Bujumbura isigaye ari umunyota gusa, nabo bakaba babuze n’ico bavuga kiretse kwifata ku munwa batangaye. Basavye abahaburiye ivyabo kwigumya.

kw’ifoto: umushikiranganji w’ugufashanya n’amakungu Laurent Kavakure


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • Ese burya mwarituriye ariyo gahunda murimo? Iyo muvugako mushaka kubaka irindi se byari kubatwara iki mutabanje gukora ariya mahano?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.