Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hamissi Cedric yaronkejwe agashimwe k’umukinyi mwiza w’2013 mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Hamissi Cedric yaronkejwe agashimwe k’umukinyi mwiza w’2013 mu (...)

Hamissi Cedric yaronkejwe agashimwe k’umukinyi mwiza w’2013 mu Rwanda

dimanche 15 Nyakanga 2013

Cédric Amissi ni umukinyi w’umurundi akina mu murwi wa Rayon Sport mu Rwanda, rimwe na rimwe kandi akaba hari aho ahamagarwa mu bakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi "Intambamurugamba".

Cédrick Amissi rero akaba yari mu bakinyi bane bahiganirwa gutahukana agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’2013, ubu akaba yamaze gutsindira uyo mwanya no gushikirizwa agashimwe. Ku gihe c’isaha imwe n’igice, niho uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu c’Urwanda Ntaganira Celestin yamenyesha ko Cedric Amissi ariwe yatowe n’abamenyeshamakuru b’inkino kugira abe ariwe aba umukinyi yigenjeje neza mu mwaka w’2013.

Ivyo Celestin Ntaganira batazira “Abega” akaba yabimenyeshejwe mu nyuma yaho ashikirijwe amanota na Kanamugire Aloys, yari arongoye umurwi ujejwe kuraba amanota, huguruwe amabahasha, aca asanga ni Cedric Amissi yatowe. Igikombe bahawe cari giherekejwe n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi maja ndwi y’Urwanda, ivyo bica binezera Cedric agaragaza umunezero wiwe. Avuga ko ashimira umumenyereza wiwe Didier Gomez da Rosa, abo bakinana ndetse n’abakunzi biwe. Akaba yabandanije avuga ko kubona yatwaye ico gikombe c’umukinyi yigenjeje neza kandi ari umunyamahanga, ari ukwo yari abikwiye. Avuga ko agiye kubandanya akora neza muri uyu mwaka, ndetse akaba yiteze ko n’uyundi mwaka ariwe azosubira akagitwara.

Muri ivyo birori, hakaba harahawe ubushimwe abakinyi batsinze ibitego vyinshi kuruta abandi, mu vyicaro bitatu. Aho naho, Cedric Amisi akaba yaronse ibahasha y’amafaranga ibihumbi amajana ane y’amanyarwanda. Yose hamwe rero, akaba yaraye atahukanye ubushimwe bubiri, bugizwe n’umuriyoni n’ibihumbi ijana vy’amanyarwanda.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.