Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hamwe na hamwe mu bunywero abantu baridogera abotsa inyama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Hamwe na hamwe mu bunywero abantu baridogera abotsa inyama

Hamwe na hamwe mu bunywero abantu baridogera abotsa inyama

lundi 14 Nzero 2013

Mukabare haba hari abakozi benshi batandukanye kandi umwe umwe wese abafise ico ajejwe aho harimwo abazwi cane, abo ntabandi ni abotsa inyama abo bakunda kwita ba veterineri. Hamwe na hamwe rero abakiriya usanga batavuga rumwe nabo kubwo ikibazo c’inyama zidahiye canke guhabwa ubwoko bwizo batasavye.

Kubera ko kumugoroba usanga mutubare hari abakiriya benshi kandi murabo abenshi baba bashaka kwica akanyota ariko baza barajanisha naka brochete. Aho niho usanga veterineri afise komande nyinshi z’abakiriya kandi umuntu wese aba yamubwiye ubwoko bw’izo yipfuza.

JPEG - 3.4 ko

Aho rero niho veterineri agenda agiye kuzitunganya rimwe na rimwe ugaca usanga yaguteguriye izitandukanye nizo wamutumye, wamutuma iz’inka akazana iz’impene, womutuma igitigu akavangamo n’umusoso, wamutuma akameme akazana igitabazi wamutuma umutwe w’impene ururimi ukarurondera ukarubura .

Abandi uga c’usanga haraho bakuzanira izidahiye wabaza veterineri akakubwira ko ataco batakoze ariko ukabona ko biterwa n’abakiriya benshi bigatuma baziguha uko, kugira bashobore kuronka aho bashira iz’abandi. Ivyo kandi ni ukuri haraho biba. Nkuko twabibwiwe n’abakiriya mutubare tumwe tumwe twashoboye gushikako,gusa ntibisigura ko hatariho ababikora neza.

Ba veterineri barasabwa guhindura uko bakora, ba nyene utubare nabo basabwa gushiramwo ingonga kuri ico gikorwa, uko ibinyobwa binyobwa bakamenya ko ariko n’inyama ziribwa, maze bigatuma uko bongera ibinyobwa ari nako bongera inyama bakongerereza ibikoresho vyo kotsa inyama hamwe naho bazokereza ndetse naba veterineri, kandi ivyo bizotuma ububare bwanyu bukundwa na benshi kuko burya mubucuruzi kumenya kwakira abantu neza vyongera abakwituye.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.