IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Harageze ko bene Burundi bemera kwegeranywa n’intahe y’iteka

Harageze ko bene Burundi bemera kwegeranywa n’intahe y’iteka

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Umukuru w’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko (Ac genocide-Cirimoso niwe abimenyesha kuri uyu wa 21 ruhuhuma 2013. Tubibutse ko uko ukwezi guheze igenekerezo rya 21 narimwe abahurikiye muri iryo shirahamwe n’abakunzi baryo bama bahura kugira baganire kuri ako kabi kabishe. Bakaba babikora mu ntumbero yo kugira bakarwanye iyo kava hose.

Umushingantahe Bamboneyeho Venasi arirongoye agira ati: nta kindi kituraje ishinga Atari uko bene Burundi basubira kuba bene mugabo umwe, bakaruhuka k’umutima … Ngo kanatsinda barabibonye baravyibonerako ko ingeso mbi y’amacakubiri imaze kwiganza mu bavuka gihugu, ubwoba n’ubwicanyi biruhira gutikiza inganda, gushika no ku karanda k’ihonyabwoko. “Uburundi bwaraguye mw’isanganya, harageze ko bene Burundi bemera intahe y’iteka igasubira kubegeranya, bagacira imoso koko!!!” Ako kamo agatera mw’itangazo Ac genocide yasohoye kuri uno wa 21 ruhuhuma 2013.

Nkuko bama babirangura kwigenekerezo rya 21 ry’ukwezi, abanywanyi n’abakunzi bishirahamwe bakaza guhurira mu Ngagara mu nama ya bose. Baza kubonera ho akaryo ko kwisuzuma, gushinga intahe no gushigikira abacitse kw’icumu ryihonyabwoko.

kw’ifoto
:Venant Bamboneyeho arongoye AC-Genocide Cirimoso


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.