IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Haraheze imyaka 2 abasirikare b’abarundi bakomerekeye muri Somaliya (...)

Haraheze imyaka 2 abasirikare b’abarundi bakomerekeye muri Somaliya ntibarashumbushwa

samedi 19 Nzero 2013

Abasirikare bakomerekeye 60 bakomerekeye muri Somaliya mu mwaka w’2011 bavuga ko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwabanyanganije amafaranga y’inshumbusho. Ariko ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bugiye kuyabaronsa vuba.

Abo basirikare barenga 60 b’abarundi bakomerekeye mu giguhugu ca Somaliya baridogera ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi ko butabaronsa amafaranga y’inshumbusho. Bakomeretse mu kwezi kwa Ruhuma umwaka w’2011.

Bamenyesha ko ubushikiranganji bwabo bwari bwabasavye ko botanga amanomero ya konte mu mabanki bafisemwo ububiko kugira amafaranga y’ishumbusho ajeko. Ariko ngo kuva mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2012 nta n’ifaranga rimwe bararonka.

Abo basirikare babandanya bavuga ko bafise inkuru zivuga ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika U.A ryamaze kurungika ayo mafaranga mu bihugu vyose bifise abasirikare muri Somaliya kandi ngo bagenzi babo bo muri Uganda bakomerekeye hamwe bamaze kuronswa ayo mafaranga y’inshumbusho.

Abo basirikare b’abarundi basaba ko umukuru w’igihugu yobafasha bakaronswa udufaranga twabo.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi burabahumuriza. Colonel Biherengende Jean Baptiste ajejwe ico kibazo amenyesha ko ayo mafaranga y’inshumbusho agiye kurungirwa vuba mu mabanki abo basirikare bafisemwo ububiko.

Avuga kandi ko ayo mafaranga atarinda guca mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, ngo borema rero amafaranga yabo yaratevye kuboneka gusa ariko ngo ntiyanyurujwe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.