IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Harakwiye umuco mu vyerekeye uturusho dutangwa

Harakwiye umuco mu vyerekeye uturusho dutangwa

vendredi 27 Ruheshi 2014

Reta y’Uburundi yoba ifise umugambi wo kuduza amatagisi n’amakori, mu gihe rero vyoramuka bibaye ikayaduza, inkwirikizi zoba mbi cane ku butunzi bw’igihugu na rirya muri kino gihe hari ibikorwa vyinhsi biriko bisubiza inyuma ubwo butunzi, yaba uturusho tw’umurengera, ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta n’ibindi ,nk’uko bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM.

Mw’ishirahamwe PARCEM barerekana amakenga bafise ku ngorane zimwe zimwe ziriho muri kino gihe zituma ubutunzi bw’igihugu buguma busubira inyuma, yaba uturusho dutangwa tw’umurengera dusigaye duhabwa turengeje urugero, ariko Reta ntiyiyumvire gukora ivyirwa kugira habemwo umuco. Faustin Ndikumana atanga akarorero aho mu gihe itegeko rigenga uburusho ritegekanya kutarenza uburusho bungana n’imiriyaridi 18 ku mwaka, ariko mu mwaka w’ 2013 hakaba hatanzwe uburusho bugera ku miriyaridi 100 z’amafranga y’amarundi

Muri PARCEM baratanga mbere akarorero aho amashirahamwe mashasha aguma avuka usanga yahawe uturusho tw’umurengera , akarorero ishirahamwe Viettel. Faustin Ndikumana abandanya avuga nk’akarorero itagisi reta iduza ku bintu vyankenerwa ikibagira ko mu gihe itagisi riduze , imiryango nayo ica igabanya urugero rw’ivyo bahora basuma ,Reta igaca isanga ivyo yibaza ko ibironkeye ku giciro ahubwo ibihombeye mu rugero (quantité )rw’ivyo umuryango wasuma .

Mw’ishirahamwe PARCEM ntibasiga inyuma urudandazwa rw’amagendu, hamwe n’inyonyezwa ry’ubutunzi bwa Reta ,amatungo y’umurengera bitaboneka neza iyo aje ava. Ku vyerekeye urudandazwa rw’amagendu atanga akarorero k’isukari yoba iriko igurishwa mu karere k’Uburaruko, hamwe n’urudandazwa rwaca giti citwa Umuvyi, n’igisata c’ubutare n’agataka, ivyo vyose biri mu bituma Uburundi bubura imfashanyo.

Mw’ishirahamwe PARCEM barangiza basaba abarundi bose yaba abategetsi canke abanyagihugu guhagurukira icarimwe barabe uko bohindura ivyo bintu, kugira Reta ntizokwibuke kuyora yasheshe, kuko ubutunzi bw’igihugu bugeze ahatemba.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.