Accueil > Imibano > Urukundo > Hari ibintu bishobora kubisha umunsi mukuru w’abakundana Saint-Valentin
Hari ibintu bishobora kubisha umunsi mukuru w’abakundana Saint-Valentin
jeudi 13 Ruhuhuma 2014
Mu gihe buca amakungu ahimabaza umunsi mukuru w’abakundana bitiriye umweranda Valentin, umwe wese hagati y’abo bakundana ahari aguma yiteze ikintu gishasha umukunzi wiwe ashobora kumugirira mu kumuryohera, ariko rero hari ibintu bishika umuntu atari yiteze bishobora kubisha ibirori.
Ibi bintu 8 ntibize bigushikire.
1. Umwigeme canke umugore ashobora gutaha kare yihuta kugira ategure ivyo kurya umugabo canke umukunzi wiwe ataramenyereye. Ashitse muhira agasanga wa mugabo wiwe yafunguye kera ivyo yahasanze, maze ariko yiterera inkuru n’abagenzi biwe.
2 Ushobora kuva mu bikorwa vyawe vya minsi yose kugira isaha mwavuganye ntigutange, washika muri «bus» mukarwa muri «embouteillage», ngendanwa umucanwa waheze, wa mukunzi wawe aguhamagaye akumva ngo «muragerageza hanyuma» agateba akaguhebura agataha.
3. Muri kumwe n’umukunzi wawe, muriko mutambuka mwirebanga. Umukobwa yambaye vya birato birebire, ngico kiracitse, urubanza rurahindutse.
4. Umuhungu ashobora guhamagara umwigeme bakundanye ati : "Fata i moto unsange aha", bugingo yuriye imoto ngiyo imvura iramunyagiye yatose wese, ntibigikunze ko mwicarana nawe yajovye.
5. Hari abategura «gateaux» neza icafyeko umutima, hageze ko ayishirako agasukari akihenda agashirako umunyu, urubanza rurapfuye.
6. Uwo mukundanye yaraguteguje ko muzosangira umunsi mukuru wa St Valentin, bungingo mutanguye gusangira agacupa, nguwo ariko akubwira amakosa ufise, bikavamwo guharira no gushwana mu nyuma, ehe muciye muhebana kuri uwo munsi.
7. Mu maze iminsi mikeyi mukundanye, ku munsi wa St Valentin, umukunzi wawe yaguteguriye «surprise» y’umukeke utetse neza cane. Mu gihe umutima uriko urasimba kubera igishika c’ivyo wibaza yaguteguriye, apfunduruye isorori yuzuye wa mukeke, noneho umutima ugasiba kubera ivyo ubonye atavyo ukunda, uruhukiye kwa muganga.
8.Ufise uwo mukundana yiga muri kaminuza, aha nyene mugihejeje kubonana mutaricara ngo mutangure gutwenga, bamuhamagaye bamubwira ko kw’ishure yayobewe, ariko hari aho bamurenganije, yiruke kubiraba neza.
Ivyo rero ni ibintu bikunze gushika ariko ntawe tuvyipfurije
Chérif Nkeshimana
Messages
13 Ruhuhuma 2014, 15:46, par Muhoza
Ndatwenze nshika kure kuri point 7 ngo ugafatwa n’isesemwe ukaruhukira kwa muganga.Se izo zoba ari imfungungwa canke yoba yashizemwo umukundanya?Ni ivya danger!
5 Ndamukiza 2014, 13:43, par NTIHEBUWAYO Isaî
HARICO MWIBAGIYE KANDI GIKOMEYE, AHO MWIPFUJE KURIKESHA NUWO MWUNZE UBUSHUTI? MAZE UGASANGA YARAMUTSE NABI KUBERA IREKWE CANKE UBUTINYA NKA. URUBANZA NGURWO RURAPFUYE.
13 Ruhuhuma 2018, 21:39, par RODRIGUE niyongabo
erega haraho nubundi wosanga yaray arota mwahebamye bugaca yarakaye