Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari imvo zimwe zimwe zituma umuntu aca inyuma uwo bubakanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Hari imvo zimwe zimwe zituma umuntu aca inyuma uwo bubakanye

Hari imvo zimwe zimwe zituma umuntu aca inyuma uwo bubakanye

lundi 19 Myandagaro 2013

Kenshi twama twumva bavuga abantu baca inyuma abo bubakanye, iyo bavuzwe n’abababonye umenga n’agatangaza k’umugabo canke k’umugore. Ivyo kandi ntivyobura gutangaza ababiboneye canke abavyumvise iyo umuntu yibutse ibihe tugezemwo, indwara z’ivyaduka, ugukengera canke agasuzuguro usanga umwe aha uwo bubakanye, ndetse basezeranye kuzotandukanywa n’urupfu. Guca inyuma umugabo canke umugore ntibipfa kwizanwa, ahubwo bifise imvo. Nazo ng’izi :

1. Kutanezereza uwo mwubakanye mu gihe c’ukurangura amabanga y’abubatse

Umugore ashobora guca inyuma umugabo wiwe, kubera ko atabasha kumushimisha mu bihe vy’ukurangura amabanga y’abubatse. Nk’uko abahinga babivuga, umugore apfuha iyo umugabo atabashije kumushitsa ku munezero mu gihe bariko bararangura amabanga y’abubatse, bishobora ku mutuma aja kwironderera uwundi yomuha uwo munezero. Ikindi, hari naho ashobora guca yigira nko kuwo boba bahora bakundana kera imbere y’uko wewe mwubakana urwanyu. Ariko kandi hari n’ababitumwa n’ingeso baba bari bafise kuva kera, haba ku mugabo canke k’umugore. Iyo ngeso ishobora kuba ifise umugabo, ugasanga umugore ntashoboye ku mumara ipfa nk’uko biba no ku mugore.

2. Gukunda cane ibigezweho.

Abagore n’abakobwa benshi bakunda bikabije ibigezweho mu buryo butandukanye canke abagabo, abasore biyubashe mu buryo burenze urugero. Ico gihe rero usanga niba umugore abonye umuririmvyi canke umukinyi karuhariwe yipfuza kuryamana nawe, ndetse akumva ari ivy’agiciro kuri we atibutse kuba afise umugabo bubakanye canke umukunzi bategekanya kurushinga. Ibi bikaba bikunze kugaragara ku bagore baba mu bisagara, aho baba bahura n’abantu bivyamamare batandukanye.

3. Kubigira ingere ku yindi.

Iyo mugabo afise ingeso yo guca inyuma umugore wiwe, ivyo birashobora gutuma umugore nawe amufashe, ashobora guca atangura nawe kwigira mu bandi bagabo. Ivyo rero kenshi birababaza umugore cane iyo umugabo amuca inyuma, ndetse iyo abonye umugabo aza atamukeneye, ngo baruhukane, bayage, ariko akaza amurya umutima, ivyo bishobora kumutuma ahubwo nawe munyuma amusubiriza mu nkoko.

4. Gukinishwa mu rukundo.

Kimwe mu bintu abagore bakunda cane, ni gukinishwa mu rukundo rwabo. Ni vyiza ko umugabo yereka umugore wiwe ko amukunda cane, kandi ko amwitayeho, mu kumwita utuzina tworoshe, mu kumurabisha akajisho kuzuye impuhwe n’urukundo. Iyo ivyo bitabaye, bishobora gutuma umugore abonye uwundi mugabo abimugirira, ashobora guca agenda akaza aramuca inyuma.


5. Kwumva asuzuguwe mu rugo.

Umugore aranezerwa cane iyo abona ko adasuzugurwa mu rugo, adatukwa abana n’abakozi bumva canke ngo asuzugurirwe mu rubanza, iyo hari abashitsi...Namba umugabo afata umugore muhira nk’uwuri inyuma y’abandi bose, akamurya umutima aho bari hose, n’ibindi vyinshi bimwereka ko atagaciro afise, aho ashobora kumuca inyuma iyo yiboneye uwundi amwereka ko atawundi banganya agaciro.

6. Kutamuurira ibintu uzi ko akunda.

Umugabo ashobora kuba azi neza ko umugore wiwe akunda ko bajana gusangirira ahameze neza, ariko ugasanga ahubwo umugabo wiwe nawe ntashaka n’ukumubona anamwegereye. Ivyo rero bishobora guhindura umutima umugore, agatangura kumuca inyuma mu gihe aronse uwumwiyegereza canke uwumusaba ko bojana gusangira ahiherereye, ndetse ugasanga ntamugoye namba mu vyo amusavye vyose, bikahava vyibera akamenyero.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.