Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari inyifato mbi zo guheba zikwega umwumvikano muke ku kazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Hari inyifato mbi zo guheba zikwega umwumvikano muke ku kazi

Hari inyifato mbi zo guheba zikwega umwumvikano muke ku kazi

mercredi 28 Rusama 2014

Gutuka no kuvuga nabi uwo mukorana, kugira imigenderanire yegeranye n’umukoresha wawe n’ibindi. Ku kazi utuntu nk’utwo ataco tumaze dushobora kugira insiguro n’igicapo bitari vyiza.

Aho umuntu yoca yibaza ati ni gute twokwigenza mu buzi bwacu ? Hari ibintu cumi bidakwiye gukorwa mu gihe muri ku kazi dusanga ku kinyamakuru « Journal du Net ».Navyo ni nk’ibi :

1. Gushwanira no kuvuga nabi umukoresha

Namba ari ibintu mumenyereye gukora, bifise ingaruka mbi. Kuvuga umukoresha hagati y’abakozi ubwabo bishobora gusamaza, ariko kandi ashobora kuba uwo muriko muravuga atari kure yanyu. Muri kumwe n’umugenzi w’umwizigirwa, kuvuga umuntu canke gutwenga umukoresha ntibibabaza cane, ariko mwirinde kumuvuga ibidakenewe kuko mutazi uwoba ariko arabumviriza, mutazi canke ko ivyo muriko muravuga bishobora kubakuza mu kazi kanyu.

2. Gukora akazi k’abandi

Mushobora kuba muri abantu b ‘abarwaneza ; ni vyiza ! Ariko ivyo bishobora kuba atari ikintu ciza bikanabakuza n’amanota mu kazi kanyu. Namba mwitayeho cane gufasha abandi mukibagira ibikorwa vyanyu mwari mujejwe, muzoba muriko murisubiza inyuma mugukora ibitaberekeye.

3. Gutukira mu bantu uwo mukorana

Ubu mu buzi bwinshi basigaye bakorera ahantu hameze nk’igihangare bigasabwa ko abakozi bakorera hamwe. Kubw’ivyo, birasabwa ko haba ibiganiro vyuzuriza bose na nyarirya haba hakoraniye benshi.Retour ligne automatique
Umuntu adugije ijwi mukuga abari ngaho bose baramwumva. Namba rero hariho ico mubamufise mubwira canke muhanura uwo mukorana, vyiza ni ukumwegera mukayagira ahiherereye hakumutukira aho abandi bari.

4. Kutita mu kaga

Mu gihe bishitse mugatwagwa n’imyitwarariko myinshi gushika n’aho muhungabana,Retour ligne automatique
kudafata ingingo giturumbuka bishobora kubakingira, ariko ntibibe akamenyero. Kugira ntimuhave mwibagira ivyo mujejwe bihambaye, akazi kanyu musanzwe mukora.

5. Kutigera uhebera

Kutigera wemera guhakana ikintu bishobora kuzana ukutumvikana. Kugira umugambi ni vyiza, ariko wushigikire ku buryo bwumvikana. Hakurondera kugira imishamirano n’abo mukorana canke n’umukoresha, no murondere kugiriranira amahoro hagati yanyu.

6. Kuvuga ku mugaragaro ko mushaka guhindura akazi

Ivyo bishobora kuba ari inyungu yanyu gusa ariko ntibikenewe gusamirana hose ko mukwiye guhindura akazi. Uwo mukorana canke umukoresha wanyu ashora kwibaza ko wadendebukiwe kandi ko mutagishoboye gukora akazi neza, n’ubwo atarivyo. Nimugumane imvugo zanyu zo kurondera guteza imbere akazi kuko bidakenewe kumenywa n’uwo ariwe wese.

7. Ivyiyumviro biri hagati y’i 9 na 5

Kuguma muraba amasaha yo gutaha ko ageze, ivyo si bibi ariko nimureke umwanya wonyene ubarongore. Nimurengere gukora muraba amasa iyo ateye. Ivyo ntibisigura ko muca mutegerezwa gukora amasaha arengeye ayo mwategerezwa gukora ariko bishobora gushika umunsi umwe canke ibiri hakaba hari akazi kenshi, aho ntivyobuza ko murenza isaha imwe canke abiri yo gukora kugira murangize ivyo mwariko murakora.

8. Kwemera ibidashoboka

N’ubwo mwoba mufise intumbero nziza, kwemera ibidashoboka bishobora gutuma ugira igicapo kitari ciza kikanasambura icizere umukoresha yaragufitiye. Imbere yo kwemera igokorwa gishasha, nimubanze mwibaze ko ico gikorwa muzokirangura mu vy’ukuri. Namba bidashoboka ko mugikora, mubivuge kare.

9. Kuvuga ubuzima bwanyu bwose

Mu ndwi hagati, mumara umwanya munini muri kumwe n’abo mukorana ku kazi, ariko abo mukorana ntibategerezwa kumenya ubuzima mubayemwo. Ni vyiza kuvuga abo muribo kugira babamenye, ariko guca uvuga n’ingorane zawe zose, muba murengeje urugero.

10. Kuja mu karuhuko kenshi

Namba mushaka kwinjiza mu kazi kanyu, gukora neza ni ikintu ciza cane. Ariko mutegerezwa kuvyereka abakoresha banyu. Kumumenyesha ivyo mumaze gukora ni ivyankenerwa cane. Gufata akaruhuko umunsi wokwerekana ivyaranguwe hagati y’abakozi, si ikintu ciza co gukora. Mumenye neza, namba mukunda kuja mu karuhuko kenshi, bizobasaba gukora cane kugira musubire kugira igicapo ciza yaba kubo mukorana, yaba ku mukoresha.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.