Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Hari ubwoba ko ikiza ca Ebola gishobora gukwira mu makungu hose
Hari ubwoba ko ikiza ca Ebola gishobora gukwira mu makungu hose
samedi 2 Myandagaro 2014
Abarongoye ishirahamwe mpumzakungu OMS barafise ubwoba ko ca kiza Ebola kimaze iminsi ciha inkumbi mu bihugu biri mu Burengero bw’ Afrika gishobora gutandukira n’ibindi bihugu vyo muri Afrika, mu gihe amakungu atogiharugurukira.
Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu OMS(Organisation Mondiale de la Santé) ryasavye amakungu guhagurukira ikibazo c’indwara ya Ebola iriko irakwiragira hose, rikaba ryabisavye mu nama yariko ibera i Conakry ihuza ibihugu bitatu bimerewe nabi gusumvya ibindi arivyo Guinée, Libéria Sierra Léone. Inguvu zose zakozwe yaba n’ivyo bihugu canke n’amakungu kugira batuze iyo ndwara zisa n’izidakwiye, nk’uko bimenyeshwa n’umuyobozi wa OMS Margaret Chan, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe OMS , muri iyo nama yabereye mu mwiherero.
Ibintu niho vyabandanya kumera uko biri ,ingaruka zishobora kuba nyinshi, ibitigiri vy’abitaba Imana bishobora kuba vyinshi eka ndetse bishobora kugira ingaruka mu vyerekeye imibano n’ubutunzi hamwe n’uko ico kiza gishobora gukwiragira no mu bindi bihugu. Iyo nama kandi yari ifise yo gutanguza umugambi w’imiriyoni 100 z’amadorari y’abanyamerika n’ukuvuga imiriyoni 75 z’amanyaburaya, mu ntumbero yo kwongereza abakozi bandi 100 bongera kubari bahari kugira bakomeze gukinga hamwe no gukora ibipimo vy’iyo ndwara. Yongera amenyesha ko hategekanaijwe kuwa 6 Myandagaro uno mwaka inama yo kuraba uruhara rw’amakungu mu kurwanya iyo ndwara.
Kubera kugutinya ko iyo ndwara ikwiragira mu bihugu bitandukanye, amashirahamwe yo kwunguruza abantu n’ibintu biciye mu ndege, yari yahagaritse ingendo mu bihugu birimwo ico kiza.
Floxella Karire