Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Agashavu ni kenshi inyuma y’aho umuporisi akerereye umuntu (...)
Bujumbura : Agashavu ni kenshi inyuma y’aho umuporisi akerereye umuntu bunyamaswa
samedi 24 Nzero 2015
Hari umugabo yiciwe izosi buriko buraca ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, akaba yishwe n’umwe mubaporisi nk’uko bivugwa n’abanyagihugu.
Uwo mugabo azwi kw’izina rya Gilbert Havyarimana akaba yakerewe izosi, igihe yoba yariko agerageza kwiba ivyuma vy’aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Abanyagihugu batandukanye harimwo n’abahora bakorana n’uwo muhisi bakaba bumiwe, aho batangajwe n’ingene uwo munyagihugu yakerewe izosi nk’inyamaswa. Bamwe muri abo banyagihugu bakaba babariye ikinyamakuru IGIHE uko vyagenze.

Bavuga ko umuporisi yakereye uwo munyagihugu azwi kw’izina rya Gasongo, kuko n’impuzu ziwe bazibonye ziriko zirameswa, zuzuyeko amaraso. Abo banyagihugu nyene harimwo n’umuvukanyi w’umuhisi bakaba banabonye inomero z’akazi z’uwo muporisi azwi kw’izina rya Gasongo akaba ari pj 3521 nk’uko abo banyagihugu bazibonye, igisigaye nk’uko abo banyagihugu babivuga, hakaba hasigaye ko igiporisi gifata uwo muporisi Gasongo agahanwa.
Mukamenya ko imbere y’uko agandagurwa Havyarimana nk’uko amakuru ava aho hahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura abivuga, ku muhingamo wo kuri uyu wa 23 Nzero yari yatswe iterefone ngendanwa yiwe na bamwe mu baporisi bacunze ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura.
Aristide Nizigire
Messages
24 Nzero 2015, 18:07, par kajekurya
Nivyo bigishijwe biri à la mode!!!
24 Nzero 2015, 18:46, par Jadir
Dusengere cane igihugu cacu Satani akomeje kugiteza ibitero bikomeye cane.
24 Nzero 2015, 20:21, par ###
Ibi bintu nimba arivyo uyu muporisi nafatwe hama ubutungane bugire amatohoza ashika!!!!
24 Nzero 2015, 21:07, par manirakiza sygesper
Uwo mupolisi numwicanyi pe.akwiy guhanwa hakwirikijw amategekovy’igihugu
24 Nzero 2015, 21:07, par manirakiza sygesper
Uwo mupolisi numwicanyi pe.akwiy guhanwa hakwirikijw amategekovy’igihugu
25 Nzero 2015, 00:27, par Ntahombaye
Ariko ,mbe muburundi.,nonde atwara uwundi.jew ndibaza umuntu agizwe ico yagirizwa ko yashikirizwauubutungane akaba aribwo.bumufatira ibihano.None iwacu,umupolisi arica,imbonerakure iruca,umukuru w umutumba araca,chef de zone arica,mustanteur arica,eka umuntu wese ajezwe amabanga yareta umengo ararekuriwekwica no kwiba,none nyene icubahiro yoba ariwe.abatuma nimba bamukoreranabi ko.atsngingo afata,canke ngo.abiyamirize.jew ndabona ko twasubiye muri 72aho umututsi wese ahava akagera yarafise ububasha ntahangarwa bwo kwjca umuhutu canke kumunyaga urukomba amazi.
25 Nzero 2015, 00:33, par Kirinyota
Emwe , iniveau n’ugutwi ndumva vyasubiye kuba à la mode. Je nama nibaza ico biyumvira abo bantu bafashe inzira yo kwicana nk’umwuga? Mana tubabarire udukureko aba bantu bahanwe.
25 Nzero 2015, 06:05, par ntamuhinga wisi.
kuberiki igihugu c’uburundi kirimwo ubwicanyi bwinshi?abobagirivyo baropfa.
25 Nzero 2015, 10:33, par sosthene
Abarundi mwese ndabatumiye mupfukame mesengere igihugu cacu mwibuke abininewi barihanye ivyo bakoze barisonzesha batako bambara amagunira ndasavye turirire Imana niyo izokuraho ivyo vyose mubona bitangaje nimwibaze namwe amashirahamwe ntasiba gusemerera amaradiyo nuko ibinyamakuru nuko amahanga nuko ibisata bitandukanye vya politique nuko none harico muhindura?ariko abakunda igihugu muze dusengima niyo yonyene izakora imirimo murakoze
25 Nzero 2015, 10:57, par wawa
nivyo nuwari afise agatima kokwiba ahebe
25 Nzero 2015, 17:28, par Nuwera
Kwica sivyoza, kwiba sivyiza, ivyomvuze nivinyubibiri arivyose bigara icaha ku Mana, kandi icaha nicaha ntacaha kibagitoya, nkongera nkababaza nti yabuwo mu polisi yakereye izosi uwomusuma, canke yaba uwomusuma yakerewe yafashwe arikwariba umugorotsi canke umuntumwiza nuyuhe? Kurijewe ntanumwe, abaswahilinabo bavugango: Mushahara wadhambi nimawuti, abarundinabongo imisiyigisuma ni 40 nimurubwoburyorero atacoturibuhindure kandiyamaze gukwira imisi yiwe 40
25 Nzero 2015, 21:35, par nyabenda salvator
bapfunze bobo ariko ntibafunze ukuri,
bishe uwo yivye ariko ntibishe ingeso,
bishe rwagasore ntibishe independence,
bishe ndadaye ntibishe democracy,
ngaho shaka kwerekana ko kuzimanganya ubuzima bwa kiremwa muntu atariwo muti nagatoya ariko kwicara hamwe tukunvirizanya ivyiyunviro nigituma, vyoba vyiza kurusha gucisha kubuhomba .
25 Nzero 2015, 23:28, par Christian UWASHISHWE
Nimusubize iyo mukuye basha. Uyo mu polisi uwomuvuga yoca ajanwa mu gasho mu Cankuzo. None bamwe bakora iperereza ntavyo bazi canke bahitamwo kunuma ngo igipolisi co cananwo.Ndabarahiye uyo mumenja wumupolisi ntaco azoba kuko murundi asanzwe azi ko mu burundi badahana,aka ari umu dd ni affaire classe sans suite.
26 Nzero 2015, 01:12, par Pietr
Ivyo bintu nari hafi yaho iryo bara rihejeje kurwa ...naribeshe ngo ndiko mbaza umu police wintwazangabo akabi kabishe yanyishuye nakamaramaza """NGO MVA MUMATWI NGO GENDA UTANGAZE KANDI KURI ARAYO MA RADIO YANYU....NGO UBU HOHO HARICO MUGIYE KWIBONERAKOOO............turagowe
26 Nzero 2015, 07:42, par KAJEKERA
Igihugu cacu cabaye ico ubwicanyi budasanzwe. hari uwuvuze ngo imisi y’igisuma ni mirongo ine pour justifier ko uwo mupolisi kubona yakereye izosi umuntu ko ari ibisanzwe. ndatangaye caaaane kubona umuntu avuga nkivyo. uwivye aca akererwa izosi canke arafatwa agahanwa hakurikije amategeko?? Emwe nidufukame imbere y’IMANA tuyiririre dusengere iki gihugu cacu cabaye icibare c’abicanyi. birateye ubwoba aho tutagitinyirira ubuzima bwabenewacu!!!! tukaka ubuzima imisi yoooose abo tutabuhaye!!!! mbega yemwe impembo yacu izoba iyihe???? birateye ubwoba n’agahinda!!!!!
26 Nzero 2015, 07:42, par KAJEKERA
Igihugu cacu cabaye ico ubwicanyi budasanzwe. hari uwuvuze ngo imisi y’igisuma ni mirongo ine pour justifier ko uwo mupolisi kubona yakereye izosi umuntu ko ari ibisanzwe. ndatangaye caaaane kubona umuntu avuga nkivyo. uwivye aca akererwa izosi canke arafatwa agahanwa hakurikije amategeko?? Emwe nidufukame imbere y’IMANA tuyiririre dusengere iki gihugu cacu cabaye icibare c’abicanyi. birateye ubwoba aho tutagitinyirira ubuzima bwabenewacu!!!! tukaka ubuzima imisi yoooose abo tutabuhaye!!!! mbega yemwe impembo yacu izoba iyihe???? birateye ubwoba n’agahinda!!!!!
26 Nzero 2015, 10:51, par Anaclet Ruberintwari
Abatwara abo ba Police ni bipfuke igitambara mu maso barabe ko bohana abo ba police bibaza ko abantu bakererwa nk’impene. ariko rero biragoye kubera ko abatwara police haraho babatuma gukora ivyo nyene, muraraba namwe ko bazomukorako, buca bamuduza i peta kuko umwuga wo gukerera bawuzi.
1er Ruhuhuma 2015, 09:21, par Elie Mpawenayo
ariko nkuwo muntu yazize iki kweli? iyo yari gufatwa agafungwa ntarinde kwicwa.ariko mwumva ivyo aribintu kweli.