IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hari umugambi wo gutunganya igisagara ca Bujumbura gushasha

Hari umugambi wo gutunganya igisagara ca Bujumbura gushasha

samedi 26 Mukakaro 2014

Hari umugambi wo gutunganya igisagara ca Bujumbura ukundi gushasha hisunzwe ubuhinga bwa none, uburyo bukazotangwa n’umugambi mpuzamakungu PNUD.

Kugira igisagara ca Bujumbura gitunganywe kandi ukundi gushasha hisunzwe ubuhinga bwa none bwo kwubaka (plan Directeur Innovant de la ville de Bujumbura), Reta y’Uburundi iherutse gushira igikumu ku masezerano yo gufashanya hagati y’igihugu c’Uburundi na Reta ya Singapour, nk’uko bishikirizwa na Jean claude Nduwayo arongoye ubushikiranganji bw’amazi, ibidukikije, gutanganya amatongo n’ibisagara. Ibikorwa bikaba bizokorwa ku mafaranga agera ku miriyaridi zitatu n’igice z’amafranga y’amarundi, yose akaba azotangwa n’umugambi PNUD.

Uwo mushikiranganji amenyesha kandi ko mu ntumbero yo gutunganya amatongo, uburaro bw’abanyagihugu no gutunganya ibisagara mu gihugu, ibibanza 15 arivyo biriko biratunganywa mu gihugu cose, ku buringanire bungana n’amahegitari agera hafi 1576, aho ubushikiranganji buzoshobora kuronkamwo ibibanza vyo kwubakamwo 14106 bizoronswa abanyagihugu. Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko bwagiranye amasezerano n’ishirahamwe ARREDA HOMES LIMITED, muri ayo masezerano hakaba hazokwubakwa inzu zigera ku 6.592, aho abakozi ba Reta bazoronswa inyubakwa bitabagoye, bakazohora bariha buke buke mu kiringo kirekire.

Ubwo bushikiranganji kandi bumenyesha ko ibwirizwa ritunganya amatongo, n’ibwirizwa ritunganya ibisagara n’inyubakwa rija ryarateguwe muri kino gihe hakaba hariko haremezwa.amategeko ashira mu ngiro ibwirizwa rigenga amatongo naryo.
Umushikiranganji akaba yabishikirije mu gihe ubushikiranganji arongoye bwari buramutse bushira ahabona ivyaranguwe muri ano mezi atandatu arangiye.


Floxella Karire

Messages

  • SINGAPOUR YABISHOBOYE KUKO CORRUPTION ARI QUASI INEXISTANT NATWE!!!!REKA KWISEKA MWA BA DD MWE MBE AMA ENTREPRISES NKA KINJU N IZINDI KO MUTAZISABA GUTERERA ???ICO BITA RESPONSABILITE SOCIALE DE L ENTREPRISE !!MUKUNDA INDA NTA KINDI REKA KUBESHA NGO MUFISE IMIGAMBI!!!

  • ivyonivyotubadushaka komera, ariko twaridukeneye kumenya igihe bizotangurirwa gushirwa mungiro’ kanditukamenya ivyobibanza 15 birikobiratunganywa vyogutunganya uburaro rwabanyagihugu ahobiherereye mugihugu cacu dukundakikaduhimbara. Nimwirambire turabashimira kumakuru nkayo mukomeza kuduha.

  • ivyonivyotubadushaka komera, ariko twaridukeneye kumenya igihe bizotangurirwa gushirwa mungiro’ kanditukamenya ivyobibanza 15 birikobiratunganywa vyogutunganya uburaro rwabanyagihugu ahobiherereye mugihugu cacu dukundakikaduhimbara. Nimwirambire turabashimira kumakuru nkayo mukomeza kuduha.

  • Hariho abantu batagira ugukunda igihugu muri bo. Ariko nkawe wiyita mukobwajana wumva ivyo uvuga ubivuga nk’umurundi canke uri umunyamahanga? n’umunyamahanga si uko yovuga.
    Mbega ko ku ntwaro za kera babigize, nta corruption yari ihari? Imigambi yanyu yose ni iyo gusubiza inyuma igihugu? Nta mugambi mwiza mwumva woba mu gihugu? Mwumva mwokwisenyerako nk’impene? Ariko mwe mwabaye mute?
    Mworetse iyo ngendo mbi?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.