Accueil > Imibano > Hariho uburyo kama bwokoreshwa mu gutandukanya imvyaro
Hariho uburyo kama bwokoreshwa mu gutandukanya imvyaro
samedi 22 Ruheshi 2013
Ekleziya catolika mu Burundi ntishigikiye namba uburyo bwo gutandukanya imvyaro bwa none kuko ku bwabo bufise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’abantu.
Kubwa Patiri Ignace Nkurunziza ajejwe ubutumwa bwaba Laics, Ekleziya irafise ubundi buryo kama iriko iragerageza kandi ngo biramaze kuboneka ko bufasha gutandukanya imvyaro kandi nta n’ingaruka mbi n’imwe butera ku magara y’abantu baba babukoresheje, aha akavuga nk’ukuraba ibimenyetso vyerekana ko umukenyezi ari mu gihe co gusama, hanyuma abubakanye badashaka umwana muri ico gihe bakihangana.
Patiri Ignace Nkurunziza agirako avuga ko bimaze kugaragara ko uburyo bwo kwa muganga (bwa none) bw’inshinge, ibinini, akagegene n’ibindi bugira ingaruka mbi nyinshi ku magara y’ababukoresheje, aha n’inkukugira ibivyimba mu nda, kubura umwana igihe umukeneye n’ibindi, ivyo bigakunda gushikira abavyeyi baba bamaze igihe babukoresha.
Ku kibazo c’uko Ekleziya gatolika itohava ifatwa nk’iyiriko igwanya imigambi ya Leta, Patiri Ignace Nkurunziza amenysha ko atarivyo namba kandi ko n’abo nyene babona ko abantu bariko baragwirirana ku buryo burenze, ari naco gituma basaba ko boshira hamwe ubwo buryo bubiri bwo gutandukanya imvyaro, maze umuntu akitorera ubwo ashaka gukoresha.
Egide Ndayisenga
Messages
19 Ruhuhuma 2014, 17:06, par Sandrine
None uburyo kama bwo gutandukanya imvyaro twobumenya gute? Twosuzuma gute igihe co kihangana n’ikitarico? Turasavye navye muzobitwandikire kugira bidufashe kumbure n’abatari mu Burundi bishobore kubashikira. Murakoze!
24 Rusama 2018, 21:22, par Ndaruhebe Mandela
Mwatubwiy Kubijany Nuburyo Kama None Ugutohoza Ibihe Umunt Abigdnza Gt ?? Mbega Hoho Ni Gihe Icah Kiba Gikwiy Co Gukorerako Iryo Banga Ryo Kuburiri ?