IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hateweko umukono ku rwandiko rwiyamiriza ubwicanyi buriko buraba mu (...)

Hateweko umukono ku rwandiko rwiyamiriza ubwicanyi buriko buraba mu Burundi

samedi 9 Rusama 2015

Reta y’Uburundi, imigambwe itandukanye hamwe n’amashengero bashize igikumu ku rwandiko biyamiriza ubwicanyi buriko buraba mu Burundi. Urwo rwandiko rukaba rwemejwe bifashijwe n’uwuserukira igisata mpuzamakungu ca ONU.

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama 2015, Reta y’Uburundi iserukiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, imigambwe iserukiwe na Dr Johani Minani, yaserukiye imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi na Pascal Nyabenda, Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD hamwe n’abaserukira amashengero, bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ubwicanyi buriko bubera mu Burundi. Muri urwo rwandiko rwateweko umukono bifashijwemwo n’uwuserukira ONU, biyamiriza ubwicanyi, bakiyemeza gufasha kugarukana icuka ciza mu Burundi.

Abo bateye umukono kuri urwo rwandiko biyemeje kandi ko uwuzokwagirwa n’ivyaha biriko biraba mu Burundi azohanwa n’amategeko yo mu Burundi canke ayo mumakungu.

Aho mukamenya ko ibiganiro vyafashije ko bashika kuri urwo rwandiko, vyari bimaze iminsi itatu ariko abari muri ivyo biganiro, baremeza ko atakinini bashitseko kuko nko ku bibazo bayaze, haba kubijanye n’iyugarwa ry’ama radio nka RPA canke ku kibazo kiraje ishinga benshi kijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ko ata nyishu itomoye bashoboye gushikako.

Tubibutse ko urwo rwandiko rwiyamiriza ubwicanyi mu Burundi giteweko umukono mu gihe abantu bagera kuri cumi bari bamaze kuhasiga ubuzima bari mu myiyerekano iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura, ndetse no mu gihugu hagati bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kuri bo bemeza ko gihonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • Ariko Mubibutse Ko Tuzindukira Mu Myiyamamazo Minani Nater,intambwe Ajimbere Abe Uwa Nyakuri Avavanure Nabo Bansi B,amahoro Ati Ntubona Ko Bagira Basubire Babahekure Mwifatanya N,abicanyi

  • Ivyombonavyo ahubwo uburundi bwatewe ntitewabimenya rwasa naminani jijuka mubone intumbero yabo mwishize hamwe musubiye kutwibutsa ipine ntaco reka abarundi bumutima twihangane iki gikombe kirengane hari igihe ibi bizorwizwa nacumi kubabikoze canke ababiteguye amsanamu sriho

  • Iyo misore y’abatutsi yatangiye gutwika abahutu aho ubwicanyi ntibabukomora kuri se wabo Kagame! Abarundi mukanure amaso

  • ONU twomenya koharico ifufashje idukijije ubwicany bwankurumbi.ariko mutabazi urikitazi aho uhenda rwasa abay ikijuju nkamwe na Peter.abahitiw bicwa nankurumbi saba fnr barwasa sabahutu.ago macakubiri twarayarengany nuko urikitazi.muriko mutera igere ngo muzanye ubwoko haraho mwoshika .vyihoze abarundi tugowamw kira noneho hahitiy hicwa twebwe abahutu.rero ntawe uhenda abarundi tugow amwe

  • Ubwo bwicanyi bubera mumyiyerekano bamenye ko buzokwagira umuntu umwe rudende kandi ibihano bitegekanijwe kuko amakungu arabibona

  • Bavuga ikigoramye umuhoro ukarakara. Kuvuga ngo Rwasa ni umuhutu ibyo ntacyo bimaze umenye no mu Rda kagame yakoresheje Twagiramungi Rukokoma. Ibyakurikiye turabizi.u Rwanda rwose kagame abahutu arihafi kubahanagura ku ikarita. Ubu atanguye i Burundi

  • nukuri turashimye kubona imyiyerekano yahagaze.kuko abayipfiriyemwo barababaje abantubenshi.rekarero turindire ibizova mumatora.

  • nukuri turashimye kubona imyiyerekano yahagaze.kuko abayipfiriyemwo barababaje abantubenshi.rekarero turindire ibizova mumatora.

  • hari icontogendantavuze.nukuri nashaka mbarire abarundiko nubwo ikirigo ca3 cankurunziza kitoba giciye mumategeko ariko bibuke ko umuti wibibazo batawutoza ibindi bibazo.kanditwibukeko umuntuwese yakoze ibitabereye kubwoko b,Imana atigeze aragiza neza.ninayo mpamvu dukwiye kwamatwibuka nacanecane ko intambara dufise ariyo kugwana niciza nikibi.ahubwo twitegurire kuzobaho ibihe bidashira ahoguharanira umunezero wiyi uzosirana nayo.nukuri muze dusir,umutima kumajambo yubugingo ahogushira umutima kubitagira umumaro ushitse murakozd.

  • Ndavyeumukuruwigihugu Yatwayenezanoneagombaguherukanabi Eregaicubahirontacokimaze Nagiramuharanira Umushahara? Arikomuraduhendangokwiganikubuntukandiningwabavyidusigayetuzigurira

  • Ndavyeumukuruwigihugu Yatwayenezanoneagombaguherukanabi Eregaicubahirontacokimaze Nagiramuharanira Umushahara? Arikomuraduhendangokwiganikubuntukandiningwabavyidusigayetuzigurira

  • niyizetena ugiragatatu turirakuho mumahoro gusa

  • igihugu cacu ni ciza ariko birabaje kwumva ngo turakunda igihugu ariko ubwicanyi buriko burakorwa ntivyumvikana na gato ukuntu bavuga ko bakunda igihugu ariko bakaguma bicana! "dukundane basha dusangire akabisi n’agahiye tureke guta igihugu cacu mu kaga!"

  • akabokokameyegukombakamagahese.nimbamurwanirindamurayigwanirantimutuzanemwivyamoko

  • jewe icombona bomureka urubaza rugacibwa n amatora bamushimye baromutora bindashombotse naho urubaza ruzoba gwiciye

  • none kotwumva ngo bagiye gutera umukono bateye uwogutegura intabara oya sivyiza urumva ukuntu abarundi baheze niyiyuvire yikubite agashi abarundi barahera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.