Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Havyarimana Petero yaciriwe imyaka 15 y’ibohero no kwirukanwa mu gipolisi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Havyarimana Petero yaciriwe imyaka 15 y’ibohero no kwirukanwa mu gipolisi (...)

Havyarimana Petero yaciriwe imyaka 15 y’ibohero no kwirukanwa mu gipolisi c’Uburundi

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Uwahoze ari umupolisi w’Igihugu c’Uburundi Havyarimana Petero yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 inyuma y’urubanza rwaburanishijwe imbonankubone, kandi vyihuta na sentare nkuru yo mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2013.

JPEG - 30.1 ko
Havyarimana Petero yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 inyuma y’urubanza rwaburanishijwe imbonankubone

Urwo rubanza yaruciriwe inyuma yo kuba yarashe ku kuboko umumenyeshamakuru w’ iradiyo y’abanyagihugu RPA, Patrick Paggio Niyonkuru. Uwo mupolisi w’Igihugu c’Uburundi akaba yaciye yirukanwa n’urwego rujejwe ivy’indero mu gipolisi c’Uburundi nk’uko twabimenyeshejwe na Eliya Bizindavyi, avugira urwego rw’igipolisi mu Burundi.

JPEG - 27.3 ko
Eliya Bizindavyi avugira urwego rw’igipolisi mu Burundi

Uwaserukiye Leta yareretse abari bashashe muri urwo rubanza ko uwo yahoze ari umupolisi, yarafise intumbero yo kwica naho atashoboye kubishikako. Niho yaciye amusabira gupfungwa imyaka 15. Umushingwamanza wa Patrick Niyonkuru, Remesha Semanzi yasavye indishi y’akababaro kuwo aburanira no kw’iradiyo akorera ariyo RPA. Bose akabasabira imiliyoni cumi cumi. Sentare nkuru y’igisagara ca Bujumbura yaciye ikatira uwo yahoze ari umupolisi w’igihugu c’Uburundi imyaka 15 kandi ko azoriha indishi n’amagarama yose y’urubanza inyuma yaho hegeranijwe impapuro z’ukuntu uwo mumenyeshamakuru yivujije.

Uwurongoye urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi amenyesha ko yanezerejwe n’urwo rubanza rwaciriye Havyarimana Petero. Alexandre Niyungeko yizerako urwo rubanza ruzobera icigwa abandi bapolisi bamaze imisi batoteza abamenyeshamakuru, aho inyuma y’umusi umwe umumenyeshamakuru wa radiyo na televiziyo Renaissance, Willy Abagenzinikindi atewe n’abantu bitwaje ibirwanisho bakanamutwara ibikoresho vy’akazi.

JPEG - 28.6 ko
Alexandre Niyungeko arongoye sendika ya bamenyesha makuru mu Burundi
JPEG - 30.1 ko
Havyarimana Petero yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 inyuma y’urubanza rwaburanishijwe imbonankubone

Patrick wasso

Portfolio

Messages

  • Turakeje urwego rw’ubutungane, ariko twosaba ko n’izindi manza zoza zirznyaruka gucibwa. Ntibikorwe ku mumenyeshamakuru gusa. Nibibuke n’abandi barundi isinzi batagira uwubavugira

  • Umuntu wese agwanya umumenyeshamakuru n,umwasi wamahoro,baba bashaka kunyegeza ibibi bakora bankako bimenyekana.

  • Niba ntawamubujije kwica uyu mu menyeshamakuru kuki muvuga ko yashatse kumwica?yarashe akaboko kubera ko yigishijwe kutica.kuki atarashe ahandi?akaboko niko kanini kuruta ibindi bihimba by’umubiri? icyo cyaha si tentative de meurtre ahubwo ni coups et blessures kuko imbunda ntigira isasu rimwe,aba yarakomeje akarasa kugeza amwishe.dushime imana kuba atarapfuye ariko turenganure n’uyu mupolisi ahindurirwe inyito y’icyaha akurikiranwe kuri coups et blessures.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.