Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu
Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu
dimanche 9 Ruheshi 2013
Inyuma y’imyaka hafi ine amaze ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Hilaire Ndayizamba yarandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, asaba gutezurirwa kuko amagara yiwe amukitse.
Hilaire Ndayizamba yafashwe yagirizwa igandagurwa rya Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’umukuru w’ishirahamwe rirwanya inyuruzwa ry’amatunga ya Leta OLUCOM, aca ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
Abamuburanira rero bamye basaba ko uwo baburanira yokwidegemvya.
Nk’uko Rufyikiri Isidore aburanira Ndayizamba abivuga, ngo ingingo zo kugumiza uwo aburanira mu Mpimba ntizakurikije amategeko nk’uko yabibwiye bagenzi bacu igihe yaremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru hari mu mwaka w’2011.
Ubu rero ko, uwo aburanira aramaze kwitakambira ko amagara yiwe atameze neza, agasaba umukuru w’igihugu ko yomufasha kugire aze araja kwivuza avuye muhira iwe.
Aristide Nizigire
Messages
9 Ruheshi 2013, 16:18, par jo
None kugez nubu urubanze rwiw rugehe? Niba icaha kiramufshe barashobr kumurekur!!
8 Ndamukiza 2016, 16:56, par Faustin Nkurunziza
Jewe Mbona Bomutezurira Akaburana Yidegemvya.