Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Hope yateye iteka umudiho w’Uburundi mw’ihiganwa rya Tusker Project (...)
Hope yateye iteka umudiho w’Uburundi mw’ihiganwa rya Tusker Project Fame
lundi 9 Kigarama 2013
Mw’irushanwa rya Tusker Project Fame ryariko ribera ku ncuro ya gatandatu mu gihugu ca Kenya, umurundi Hope niwe yatahukanye intsinzi, mu kurusha abo bariko barahiganwa nka Daisy wo mu gihugu ca Uganda, Amos na Josh bo muri Kenya, na Hisia (Tanzania).
Hope rero akaba yagumye aha icizere abakunzi biwe ko ariwe ahava atahukana intsinzi, uravye ukwo yagiye yitwara muri iryo higanwa. Ku va igihe c’isaha zibiri z’ijoro ahanganye n’ibindi bihangange vyo mu bihugu bitatu vyo muri Afrika y’Ubuseruko nka Kenya, Tanzaniya n’Ubuganda, Hope yarerekanye ko afise ubuhinga budasanzwe mu mayinga umunani yose yari amaze ariko arahiganwa n’abandi baririmvyi, mu gukoresha ijwi ryiwe ubwite, ririmwo umudiho kavukire w’i Burundi.

Hope kandi akaba atowe nk’umuririmvyi yigenjeje neza muri ayo mahiganwa, ikindi kandi akaba yarakunzwe n ’abantu isinzi, aho bagiye baramuha amajwi menshi ku buhinga ngurukana bumenyi bwa internet eka no kuri za ngendanwa.
Hope rero yaraye ahesheje agaciro umudiho w’Uburundi mu makungu mu gutahana intsinzi, Ku buhinga ngurukanabumenyi bwa facebook, abatari bake bakaba baguma bakeza Hope n’Uburundi muri rusangi. Yaba abari mu bihugu vyo hanze no mu Burundi, bose bakeza Hope n’Uburundi bwose ku kidari c’umwakaka mu kuririmba cambitswe umudiho kavukire. Hope rero akaba yaronse agashimwe kangana n’imiriyoni 5 z’amashiringi ya Kenya, ni ukuvuga imiriyoni zigera kuri 95 z’amafaranga y’amarundi.





Cherif Nkeshimana