Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Htin Kyaw yatowe kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Birmanie - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Htin Kyaw yatowe kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Birmanie

Htin Kyaw yatowe kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Birmanie

mardi 15 Ntwarante 2016, par Jean De Dieu

Inama nshingamateka ya Birmanie yatoye Htin Kyaw mu mabanga y’umukuru w’igihugu, Umukuru w’igihugu wa mbere atari umusirikare azoba atwaye ico gihugu inyuma y’imyaka irenga 50 y’ubutegetsi bwa gisirikare.

Htin Kyaw n’umwe mu bagenzi nkoramutima ba Aung San Suu Kyi, umugambwe wiwe wa NLD watahukanye intsinzi mu matora azokwama yibukwa, mu kwezi kwa cumi na rimwe.

JPEG - 41.5 ko
Htin Kyaw yatoye n’Inama nshingamateka ya Birmanie mu mabanga y’umukuru w’igihugu.

Yatsinze uwundi munywanyi wa NLD yari yashizwe imbere n’igisirikare.
Umupfasoni Suu Kyi, ntiyitoje muri ico kibanza kubera ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro, ariko yavuze ko ashobora kuzoba afise amabanga asumba ayo umukuru w’igihugu.

Htin Kyaw yaronse amajwi 360 kuri 652 y’abatoye.Mu kibanza kigira kabiri, yakurikiwe n’uwashizwe imbere n’igisirikare, Myint Swe, yaronse amajwi 213, akurikirwa n’uwundi munywanyi wa NLD, Hnery Van Thio, yaronse amajwi 79.
Abo ko bagiye bakurikirana, umwe azoba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, uwundi icegera kigira kabiri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.