Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Human Rights Watch isaba ko Somaliya yokwubahiriza agateka ka zina (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Human Rights Watch isaba ko Somaliya yokwubahiriza agateka ka zina (...)

Human Rights Watch isaba ko Somaliya yokwubahiriza agateka ka zina muntu

mardi 7 Rusama 2013

Abaserukira ibihugu bigera kuri mirongo itanu n’amashirahamwe mpuzamakungu nibo bitezwe kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Londres mu nama yo kwigira hamwe ingene igihugu ca Somaliya cofashwa mu gihe kimaze imyaka irenga mirongo ibiri kiri mu ntambara.

Mu batumiwe, harimwo Uhuru Kenyatta, umukuru w’igihugu ca Kenya, yashitse mu gisagara ca Londres kuva ku musi wa mbere igenekerezo rya 06 Rusama 2013. Mu rugendo azogira mu misi itatu azomara muri ico gihugu, arategekenya kuzobonana na David Cameron, umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza.

Leta y’igihugu c’Ubwongereza yarasiguye uruhara rwa Kenya mu kugarukana amahoro muri Somaliya kuko yarungitse ingabo zigera ku bihumbi bitanu, bakaba kandi baha ubuhungiro abanyagihugu bo muri Somaliya. Ivyo bikaba vyasiguwe n’umuvugizi wa Downing Street.

Turetse ibihugu bibanyi vya Somaliya, iyo nama izogirishwa n’umushikiranganji wa mbere David Cameron ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Somaliya, Hassan Cheikh Mohamoud, izokwitabwa n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU, abaserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, abaserukira ikigega c’isi yose.

Iyo nama ikaba ibaye iyigira kabiri iteguriwe mu gisagara ca Londres inyuma y’iyabaye mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2012, aho abari bayitavye bateguye urutonde rw’ivyo biyemeje mu ntumbero yo kugarukana umutekano muri ico gihugu kiri kw’ihembe ry’ikarata ya Afrika.

David Cameron yarakeje utwigoro tumaze gukorwa mu gihugu ca Somaliya inyuma y’umwaka umwe gusa, harimwo n’amatora y’umukuru w’igihugu, Hassan Cheikh Mohamoud yabaye mu kwezi kwa Nyakanga yatanze icizere c’ukugaruka kw’umutekano wahungabanye kuva Mohamed Siad Barre avuye ku butegetsi mu mwaka w’1991.

Naho ingabo ziri mu gihugu ca Somaliya ziriko zikora ibishoboka vyose ngo zituze abihevyi, intagondwa z’aba islamu bahurikiye muri Al-Qaïda zaragwije ibitero i Mogadiscio, igiheruka kikaba cabaye ku musi w’Imana uheze kigahitana abantu cumi n’umwe.

Igihugu ca Somaliya kikaba kibangamiwe kandi n’ikiza c’inzara. Abanyagihugu bagera ku bihumbi amajana abiri na mirongo itandatu(muri ico gitigiri, ica kabiri ni abana batarakwiza imyaka itanu) barishwe n’inzara kuva muri Gitugutu umwaka w’2010 gushika muri Ndamukiza umwaka w’2012.

JPEG - 6.1 ko

Amashirahamwe nka Human Rights Watch yasavye abazokwitaba iyo nama ko bogondoza igihugu ca Somaliya ko cokwubahiriza agateka ka zina muntu. Vyashikirijwe na David Mepham, aserukira ishirahamwe Human Rights Watch mu bwongereza


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.