IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Hussein Radjabu ashobora gutanga ikiganiro umwanya uwariwo wose

Hussein Radjabu ashobora gutanga ikiganiro umwanya uwariwo wose

mercredi 4 Ntwarante 2015, par Egide N

Umushingamateka Hussein Radjabu aheruka gutoroka ibohero rikuru rya Mpimba ashobora gushikiriza ijambo abayoboke biwe n’abarundi bose umwanya uwariwo wose. Amakuru dufise avuga ko yamaze gusohoka igihugu c’Uburundi, aho ari ubuzima bwiwe bukaba bwifashe neza. Nta mwanya munini usigaye ataratanga umuco ku bibazo benshi baguma biyumvira, mu bijanye n’aho ari, ivyo agiye gukora hamwe na kazoza kiwe.

JPEG - 52.5 ko
Hussein Radjabu, amaze gutoroka ibohero rikuru rya Mpimba

Tubibutse ko inyuma y’imyaka hafi umunani yari amaze apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Hussein Radjabu yatorotse mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana. Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba, akemezwa n’ubuyobozi bw’iryo bohero, avuga ko uwo yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD yatorotse iryo bohero mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, agenda ajanye n’uwurongoye ikirindiro c’abaporisi ku Mpimba, uwo bita "De Corps", abaporisi batatu hamwe n’abanyororo bandi batatu bari basangiye icaha, harimwo Ribakare Bedouin batazina NDINDI, hamwe n’umwe mu banyororo yahora acungera ubuzima bwa Hussein Radjabu mw’ibohero.


Egide Nduwimana

Messages

  • ni hatari... abarundi barageramiwe

  • Mais, lui, il a ete broye par la machine qu’il avait lui-meme prepare pour les autres. La machine s’est retourne contre lui.

  • Ahubwo iyabamuburundi abantu batishira bakijana bamwe baribatanguye gushira urubwa kuri reta yigihugu cacu ngobamunyuruje bacabahamagarwa bagakura icoceyi cokuvugako reta inyuruza abo yapfunze ikajakubica, abantubarakunda gukinatisha amajambo kubivuga bibazako aribintuvyoroshe arikontibamenyeko bishobora gukwegera igihugucabo gukumirwa kubwakarenganyo! Uwuserukira abamenyeshamakuru mu Burundi niwe aherutse kuvugira kuri BBC mukiganiro citwa Imvonimvano ngo: Nubwo umumenyeshamakuru yokora ikosha ngontidushobora kuvugako yakoze ikosha! Arikomwibukeko kubera badahanurana umutungane bwu Burundi buruhira kubihamagariza noneho abamenyeshamakuru bagaterera indurukimwe ngonimurebe ukuntu turengana natwadukoshatwabo bakatwumako!!! Igihugu naco mukugifatira ingingo amakungu mukucokera igitutu bakivayo bababenyeshamakurunabo bakiyicarira hariya namakoshayabo bakisekera! Ngotwarabikoze tubibona ngonone reka reta bayimare amanyamasha natwe twiraramiye. Harumwana yarifise isewiwe maze uwomu papa wiwe yamayamubujije kwikoza ivyo yishakiye noneho umwana abonako iyoyama adafisese abayishira yizana, noneho umwana yigirinama yokuzokwambika inkono ishushe se nukwo umusumwe se aramubuza kwikoza ivyoyishakiye wamwana aragarariza yarifise imyaka 13 noneho wamana yahuka se amakofingayo, imigere ngiyo sewiwe yirinda kumukubita kuko ngomwivyobihugu vyateyimbere abana barubashwe ngokirazira kumukubita uwo mu papa ahitamwo kumwugaranira munzu wamwana acayijako yikubisha kubitungu nomumbavu akuma bakoresha mugusya itomate rwakokuma urafata urutomate ukarukubako ngomaze rugacika utumanyudutoduto ngombese ngusigara ubona mengo ninkisose, wamwana ngwacasimbira kwi terefone yomunzu ahamagara polisi ayibwirako sewiwe umwanyawariwowose badatabaye ningoga ashobora kumwica ngokuko ahejeje kunkubita merewenabi ubuyanyugaranye ngosinzi igigikurikira, umwana arababwira ahobaba, nkomuminota 10-15 ngoharihamaze gushika imodoka za polisi zisumba izizose zaha Bujumbura, namwenevyabimodoka bizimya imiriro, ama ambilasi agafyo, bamasegusanga wamwana yariyugaraniwe munzu magasanga yikoreye yamayeri yokwigiriranabi umubiriwiwe navyabona vyabaye bigikenewe baciyebagenda kubika mukasho uwomu papa ngokukobabonyeko batamutandukanije nuwomwana nguwomu papa mukindigihe yozokwica uwomwana. Uwomu papa bamucira igifungo cimwaka nimyaniko wamwana acatangura kwishira nukwijana yashatse urumogi ngurwo, ibiyayuramutwebitandukanye ngivyo, uwomwana ngwaze kugira imyaka 19 yacumise imbugita mugenziwe baribasanzwe basangira ibimogi bacabamutwara kumufunga asangayo se yarameze imishatsi ibiri asigaye yarahisemwo gutereka ubwanwa, wamwana acarabwirase ngo wewe wafunzwe kubera nakugambaniye atarikojewe banzanyengaha kuberanishe umugenzi, ngwibindakubwiye niteguye kuzokomeza kubibwira uwariwewese, ntiyabeshe yakomeje kubivuga basanga birahura nivyo uwomu papa yariyarababwiyeko atigeze amukorako kohubwo mazekumwugaranira munzu ariwe yiyononye akibabaza bimwebiboneka. Maze umu papa ntanicumwero yamazemwo yaciyacinda urubanza baramurehura arataha. Nashatyse kubabwirarero kugambarira igihugu canke umuvyeyi ngonukufise abazokwakiriza yompi kobihumira vyasebikunze. Uwomwana yarikwiye kureka kugambanira se. Namwe bamenyeshamakuru ngonubwomwocumura ntimuzovyemera ngompaka iyo reta yigihugu canyu bayikomeshe, vyarayebitanguye igihugu canyu ngokubijanye nukuntu gifashe abamenyeshamakuru bagishize mumurongo wamaraso! iyomwama mukorakazikanyu kogukeburana ntabutungane mubaburinda kubahamagaza mugihe bubabwumva mukeburana, kandinayomakungu ababonako namwe mufise udukosha ntarindire guha igihugu canyu ubara ritukura.

  • Erega sha NUWERA abantu sibo bareke hari umwibutsa w’ikirundi uvuga ngo: " ingoma yagukanze irahuruza ugahunga." Hariho icatuma abantu twiyunvira ko yoba yanyurujwe, kuko utigirishije nawewe urazi ko hari abishwe bafunzwe, abandi bagira banyuruze ijoro iyo nkuru ntayo wanye aho bagira basohore ijoro BOBO RUGURIKA? Ko dusanzwe tuzi ko abafunzwe barukurwa hagati ya 7h30 na 17h30 mu masaha yakazi uca wibaza ko inyuma yaho baba bajanye he? Kuri BOBO si Imana yakinze? Kubona abantu biyumviriye kurya vyerekana icizere gike bafitiye ubutegetse kuko hariho vyishi bibi babaziko.

  • Nje ndamubonankumucunguzi wabarundi.

  • Sasa nduguyandu mheshimiwa Gahinzi, ivyuvuze ukaba waravuiboneye urakoze kubimbarira, ariko rekandakubwire impamvu zi 2 canke zi 3 zituma harihabantu bakunze kuririmba ngo kunyuruzwa, ndashaka ubwamberendakwibutseko hariho abanyarwanda biciwe mugihugucabo nyuma bagatabwa mukagera nakokakabatembana kakabasuka mukiyaga Rweru bisanzwe gifise ubunini kuruhande ryu Burundi, nagomba kwongera kukwibitsako urwanda rwarahiye rukarengwako iryamirambo yatowe mu Rweru itavuye iwabo bisigurako bashatsekuvugako yavuye Burundi. Rekarerongaruke kuconashatsekuvuga kubakuze kuririmba ivyokunyuruzwa ngaha mu Burundi: Ubwambere bashakako vyobonekanako bariyabatoraguwe mu Rweru bishoboka Ko arabarundi wibukeko radio RPA ifise bamwemubakunzibayo arin utimagara ya Kagame ahorero kumufasha kuzimanganya iyicwa ryabariya batowe mu Rweru nukuntu bategerezwa kwamabitwariritse nicogituma Bobo arivyo amazimisi aririmba nabandi namwe murabihumvira. Arikorero ndagombakubabwira ntabeshe kandinongera tinya nubaha Imana impamvubaribashatse kurekura Bobo mwijuro ntikwarugushaka kumuhiriranabi nkuko abivuga, baribashatse guhima baryabantumwabonye bajekumusanganira kukira ntibaze kumusanganira ahubwo bazomubone mugatondo yibereye imuhira iwiwe, ivyorero tubivugishinukuri gurtyo ntitubaturikoturashaka kwanduza mumakungu igihugucacu, arikodukomeje dushigikira abadambikanga ngobahatswekuyurunzwa ngobariko barashaka kunyuruzwa ’ ivyovuobatahobitandukaniye nivyawamwana numu papa wiwe nababwira munyandiko iringahanyene!

  • Ikizobabwira interahamwe zabarundi bakuriye mu rwanda.. Misiyose atanga akarorero kuri Kagame!!! erega sha wewe wiyita ngo NUWERA turaziko Kagame ariwe yababujije kunywa amaraso y abatutsi babanyagwanda!!!! ubutungane bw u rwanda burabazi sha!!! Mwaciye muja congo muvayo mugaruka mu burundi mwiyoberanya none ihe ivyo uriko uradedemanga!!!! ayo ni amaraso wanyoye ariko aragusaza wa nterahamwe yumurundi we. Ahomwaba kugikongoro na karama ivyo mwakoze muri genicide bizobakora

  • @ Bayaganakandi, Bitebebitebuke ivyonavuze uzobibona, nayo ivyovyamaraso wavuze ngosasheshe harigihe wosanga ariwewe wayasheshe ivyorero ntivyombabaza kukojewe ndiyizi kandinawe uriyizi Imana nayo nuko ikiri kuntebe yimbabazi nayo nkubu yoyihagurukako nihohocahaboneka uwamenye amaraso hagati yawe nanje.

  • Igihugu cyarabananiye,ni mukiduhe tukiyobore,twe turagushoboye,abahutu cyarabananiye

  • @NUWERA. Jewe nasomye ivyo vyose wanditse, Ahubwo ndatangaye. Ariko reka ndakwibutse ko abarundi aribo bayamaze ngo Agatoki kamenyereye gukomba kama gahese. Iyo umuntu azwi mugisagara cose nkumusuma, hanyuma umusi umwe ukamusanga mucumba cawe, agaca akubwira ngo yabonye ko atariho wari aca acunga icumba cawe kugira ntibakwibe, Wovyemera? Reta yacu Turayikunda, Ariko akariho karavugwa! Wibuke ko hari Abarundi dukunda Uburundi kurusha CNDD FDD. Wewe wabwiye Gahizi ngo avuge ivyo yabonye, mbega wewe waragiye mumanama yabo igihe bahitamwo gushaka kurekura Bob mwijoro? Tubwire neza ko uri muribo! Hanyuma Kubijanye na Radjabu navyo, Amatohoza ategerezwa kuba. Kandi mumatohoza bategerezwa kwisunga ukuntu basanzwe bazi reta ikora. Nari Umukunzi wa CNDD, Ariko twese turazi ko iryo kosa ryo kunyuruza abafungwa barihinduye umukino. Hanyuma ngo ushaka abantu ntibabarize mumpande zose? Mbega usobanura gute Iyimugwa rya bob mumuduga utagira iparaki kandi atamuntu numwe abizi? Sha mwene wacu, Kunda Igihugu cawe wifadikanye nabandi barundi. Bamwe bamwe dushaka iterambere apana inyungu zabanyamigambwe. Hanyuma irya nkuru watanze ya urya mwana, ntaho bihuriye nivyo washatse kuvuga, kuko urya muvyeyi bivyanye ninkuru tabwo yigeze amukorako. Ariko abantu ushaka kugereranya nurya mu papa, twese turabazi ko batoteza abantu, maze bagahonyanga agateka kazina muntu. Ubwo rero gerageza kandi kuko ntibijanye nagato

  • @ World, Ndakwemereye ko bashaka kurekura Bob mwijoro narindahari.
    Kubijanye nuryamwana navuze numu papa wiwe ushake uvyemere canke uvyanke nakarorero keza cane gahuye nivyaha Burundi, Kugira uvyemere neza kobihuye subira inyuma wumvirize ikinganiro co kuri BBC Imvonimvo chaise kwigerekerezo rya 28/02/2015 ucewongera ukurikirane ikiganiro c’Imvonimvano cahise kwigenekerezo rya 07/03/2015 ndizeye urazakwumvako ivyavugiwe mwivyobiganiro bizakunyunganira, hanyuma ndagushimiyr ko wemera ugasoba ivyonanditse mugihe bamwe bamaze kunyiyamiriza ngonandika vyishi ariko nkatungwanuko ncandababwirako nibareka kubisoba kwatakosha bazobabankoreye maze umutekano hagatiyabo nanje ugahenza ukacukomeza kwiyongera.

  • uwavuze ngo abahutu cabananiye ngira ngo yoba yihenze.intwaro yaraje ntizosubira i Bururi.ahubwo dukeneye umutware mwiza.ataryanisha abantu.

  • UMUHIRWFE nuwuzi Imana Umuntu Akiri Kw’isi Ntavurwa Neza Na Bose Kandi Tumenye Ko Ubutegetsi Butanwa N’IMANA.Ese Umwanya Dufata Tuvuga Amajambo Meshi Waruwo Kurondera Ibitunwanisha N’IMANA

  • IMANA IHABWE ICUBAHIRO KUKO YAMUKUYE HABI.TWARANEZEREWE CANE!

  • IMANA IHABWE ICUBAHIRO KUKO YAMUKUYE HABI.TWARANEZEREWE CANE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.