Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanga ry’urukundo nyarwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibanga ry’urukundo nyarwo

Ibanga ry’urukundo nyarwo

samedi 23 Ntwarante 2013

Abantu twashoboye kuganira, bo mu mice itandukanye , harimwo abantu bakunda gusenga ndetse n’abandi bantu basanzwe badasenga cane, ba hano mu gisagara ca Bujumbura, twaganiriye kuvyerekeye ivy’ urukundo rw’ubu; Abantu bakunda gusenga kenshi bagira amahirwe yo kwigishwa urukundo nyarwo bafatiye kuri Bibiriya, batumenyesheje vyinshi ku kuntu babona urukundo rw’ubu.

Uwo twaganiriye atashimye kwivuga izina ariko asengera mw’ishengero ry’abadiventiste, yatubwiye ko abona urukundo rwaratakaje intumbero yarwo, intumbero isanzwe itangwa na Bibiliya.

Aho ico gitabu ceranda kivuga giti : urukundo rurihangana, rurababarira, ntirurondera akunguko, rutishira hejuru kandi rwihanganira vyose n’ibindi vyinshi ariko bibera umuco abandi. Muri uyu mwaka turimwo, abantu benshi ntibaha agaciro ayo majambo, bigatuma twokibaza ko urukundo rwatakaje intumbero bikomeye.

Ivyo bikaba bibonekera mu bikorwa bigayitse bisigaye biranga abantu :ubwicanyi,inzankano, amatati, akarenganyo, n’ibindi bikorwa vyerekana urukundo ruke abantu basigaye bafise.

Twarabajije uwo muntu twaganiriye ico abona cokorwa kugira ngo urukundo rwongere gushinga imizi mu bantu, atubwira ko uretse kuba abantu bokwiyegurira Imana, bakayisaba ibaronse urukundo nyarwo nta bundi buryo bwokoreshwa kuko abantu ubwabo atavyo bokwishoboza.

Twabandanije kwumviriza ivyiyumviro vy’abantu batandukanye ku bijanye n’urukundo rw’iki gihe.

Abasore twayaze bo bagira bati: tubona abakobwa b’ubu batagira urukundo. Usanga benshi bishakira amafaranga gusa. Abo basore nabo bagarutse ku ijambo ry’Imana bavuga ko ariyo yonyene yoguha umukobwa mukwiranye.

Mu kiganiro gikurikira, tuzobabwira ico abakobwa nabo bavuga ku rukundo rw’ubu n’ukugene abahungu bavyifatamwo


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.