Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki nkuru y’igihugu igiye guhindura bumwe mu buryo itunganyamwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Ibanki nkuru y’igihugu igiye guhindura bumwe mu buryo itunganyamwo (...)

Ibanki nkuru y’igihugu igiye guhindura bumwe mu buryo itunganyamwo akazi

mercredi 28 Myandagaro 2013

Ibanki nkuru y’igihugu ihejeje gutanguza ku mugaragaro igikorwa co gutohoza, kugira batangure gukoresha ibiharuro bishasha bisubirira ivyahahora kuko bitakijanye n’igihe.

Nk’uko umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Jean Ciza yabimenyesheje, intumbero nyamukuru y’urwo ruganda ni kugira bashobore gutohoza, baronke ibiharuro bishasha biboneka kuko ivyahora bikoreshwa bishaje, hakenewe ibiharuro vya hafi bizoshobora gufasha haba mu mahinguriro hamwe no mu mashirahamwe. Akunguko rero kuri ayo mahinguriro hamwe nayo mashirahamwe, bazoshobora kumenya neza ibisata akoreramwo, mu gihe ibanki nkuru izoba yamaze kwerekana ibiharuro, gutyo abaserukira amashirahamwe n’amahinguriro babone kuronka aho bakura ibiharuro, vyaba ari ibijanye no kwongereza canke kugabanya abakozi.

Ivyo biharuro kandi bizofasha ayo mashirahamwe n’amahinguriro, kubona neza uko bakora, kugira bakore batera imbere, igihugu kikahatorera akoyoko. Ibisata bikuru bikuru rero n’ibijanye n’ibishorwa bitabanje guhingurwa, ubudandaji, amahinguriro, igisata c’abafasha mu bitari ivyimburwa, n’ukuvuga amabanki canke amahoteri hamwe n’igisata co kwubaka. Ivyo bisata nivyo vyafatiweko kubera arivyo ahanini bigize ubutunzi bw’igihugu. Ikindi bazoshobora gukurikirana, n’ingene amabanki akora, n’ingene amafaranga y’agaciro agurishwa. Bafatiye ku mashirahamwe agera kw’102.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.