IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibanki y’isi yose irifadikanije n’u Burundi inyuma y’isha ry’ isoko nkuru ya (...)

Ibanki y’isi yose irifadikanije n’u Burundi inyuma y’isha ry’ isoko nkuru ya Bujumbura

lundi 4 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye igatokombera ku wa 27 nzero 2013, ibanki y’isi yose yandikiye umukuru w’igihugu ikete ryo kwifadikanya na we hamwe n’abarundi bose.

Uwurongoye ibanki y’isi yose M. Jim Kim n’icegera c’uwuyirongoye mu muce wa Afrika M. Makhtar Diop bamenyesha ko ibanki y’isi yifadikanije n’abarundi bose muri ibi bihe vy’umubabaro.

Mw’ikete ryo ku wa 30 nzero yandikiye umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, ibanki y’isi yose ivuga ko izofasha mu gukinga ingaruka mbi zishobora kuva k’ugusha kw’isoko nkuru ya Bujumbura. Muri ivyo bikorwa, ibanki y’isi yose ikamenyesha ko izokorana n’imirwi yashizweho na Reta y’u Burundi hamwe n’abagiraneza basanzwe bafasha u Burundi mu bikorwa vy’iterambere.

Ibanki y’isi yose imenyesha kandi ko izoguma ishigikira u Burundi mu gutanguza bushasha ibindi bikorwa vy’iterambere.


Emile Nibasumba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.