Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki y’isi yose yahaye imfashanyo y’ibitabo ikigo IDEC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibanki y’isi yose yahaye imfashanyo y’ibitabo ikigo IDEC

Ibanki y’isi yose yahaye imfashanyo y’ibitabo ikigo IDEC

mercredi 11 Kigarama 2013

Ibanki y’isi yose yahaye imfashanyo ikigo IDEC (Institut de developpement économique) igizwe n’ibitabo hamwe n’ibindi bikoresho. Amasezerano y’iyo mfashanyo akaba yatewe ko igikumu na Rachid Radji, asanzwe aserukira i banki y’isi yose mu Burundi hamwe n’umuyobozi w’ikigo IDEC Deo Ngendakumana.

Imfashanyo igizwe n’ibitabo 9400, ububiko bw’ibitabu bugera ku 20 niyo yahawe ikigo IDEC n’ibanki y’isi yose kugira bateze imbere ububiko bw’ico kigo na cane mu vyerekeye ibisata bibiri, ic’ubutunzi hamwe n’ic’imibano.

Rachid Radji, yamenyesheje ko batanze iyo mfashanyo mu ntumbero yo kwongereza ubushobozi n’ubumenyi, yamenyesheje kandi ko kubona batoye guha iyo mfashanyo IDEC si ku bw’igihamana, ahubwo iyo banki yafatiye na cane cane ko basanzwe baza kuhasumira ubwenge ari benshi.Yaciye ahamagarira abarongoye IDEC gukoresha neza ubwo bubiko badacaguye kugira bufashe mu bikorwa vy’ubushakashatsi mu Burundi.

Deo Ngendakumana umuyobozi w’ico kigo IDEC nawe yashimye cane iyo ngabire kuko ibitabu ari ryo soko ry’ubumenyi, n’ukwidagadura. Ngendakumana Deo amenyesha ko ivyo bitabo bije vyiyongera kuvyari bihasanzwe bigizwe n’ibitabo 2278, ibikorwa vy’ubushakashatsi 394 vyakozwe n’ico kigo , inyabwonko 10.

Yasavye ibanki y’isi yose kubandanya ibafasha kuko nubu IDEC iracakeneye ibintu vyinshi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.