Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki ya Repuburika y’Uburundi irahumuriza abafise amakonte y’amafaranga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Ibanki ya Repuburika y’Uburundi irahumuriza abafise amakonte y’amafaranga (...)

Ibanki ya Repuburika y’Uburundi irahumuriza abafise amakonte y’amafaranga y’agaciro

samedi 30 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi imenyesha ko ata mugambi uhari w’ukwugara ububiko (Comptes) bw’abantu bafise amafaranga y’agaciro, nk’uko bimaze iminsi bivugwa.

Haraheze iminsi hari amakuru acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko hagiye kwugarwa amakonte y’amafaranga y’agaciro y’abanywanyi b’amabanki y’ubudandaji, ayo makuru akavuga kandi ko hagiye gusohoka itegeko rituma amabanki avunja ku nguvu amafaranga y’agaciro y’abanywanyi bayo.

JPEG - 94 ko
Jean CIZA, umuyobozi mukuru wa banki nkuru y’igihugu

Mw’itangazo yasohoye, ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi yabeshuje ivyo bivugwa. Ciza Jean, umuyobozi mukuru wa banki nkuru y’igihugu yamenyesheje ko ivyo bivugwa ata kindi bigamije atari ukujuragiza n’uguca ivutu abanywanyi b’amabanki y’ubudandaji, akavuga ko ivyo navyo bishobora guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.