Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibarabara Bujumbura- Rumonge ryasubiriye kudahita - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara Bujumbura- Rumonge ryasubiriye kudahita

Ibarabara Bujumbura- Rumonge ryasubiriye kudahita

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Ibararabara Bujumbura – Rumonge ryasubiye kudahita guhera ku muhingamo wo kuri uwu w‘Imana igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2014. Umusozi w’ivu watembagaye ahitwa mu Gitaza muri komine Muhuta ukaba wajaniranije n’imirima y’imyumbati, ibiharage hamwe n’ibitoke, nk’uko bimenyeshwa na musitanteri w’iyo komine.

Ibarabara RN3 (Route Nationale numero 3) ariryo Bujumbura – Rumonge ryasubiriye kutarengana guhera kuri uno w’Imana kuko umusozi w’ivu wariguyemwo kandi. Musitanteri wa komine Muhuta yamenyesheje ko abanyagihugu bo muri ako karere bamaze gutangura guhunga, ku gutinya ko imisozi yohava ibatembagarirako bivuye ku mvura iguma irwa muri ako karere. Mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta bakaba baranyarukiye gutangura ibikorwa kugira basubize ibintu mu buryo.

Mwibuke ko imvura yaguye ku munsi wa gatatu yatumye hatembagara mw’ibarabara umusozi Kijejeti uri muri komine Muhuta zone Mubone kuri iryo barabara nyene rya Rumonge. Ivyahononekariye bikaba ari vyinshi, aho igice c’ibarabara kingana n’imetero 200 kitaboneka, mbere n’imirima yaratwawe n’uwo musozi. Inzu zari zisanzwe ziri kuri uwo musozi nazo nyene zirabangamiwe muri kino gihe. Ingaruka zikaba zaribonekeje na cane cane ku badandaza basanzwe baca kuri iryo barabara, kuko imodoka ntizashobora kurengana, abanyagihugu bavuye mu Rumonge baja mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa kuriha amafaranga 500 canke amafaranga 1000 kugira babunguruze mu mato asanzwe akorera ku kiyaga Tanganyika.


Floxella Karire

Messages

  • Mana yi burundi harageze kutabara nkakumwe watabara Mwezi ba rumariza bateye.nahubundi igihugu kirazimangana tutaravye neza.nawe imyuzure inzara inyota .........

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.