Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nditije n’abandi bashingamateka ba UPRONA bankiwe gushika ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nditije n’abandi bashingamateka ba UPRONA bankiwe gushika ku (...)

Nditije n’abandi bashingamateka ba UPRONA bankiwe gushika ku Mugumya

vendredi 31 Nzero 2014

Ukunyinyurana ku butegetsi bw’umugambwe w’Abadasigana UPRONA bigeze aho ababikurikiranira hafi badatahura amaherezo yavyo. Inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana asohoye urwandiko rusubiza Bonaventure Niyoyankana ku burongozi bwa UPRONA, abadasigana babandanya kuvyamirira kure. Inguvu zatanguye gukoreshwa muri iryo shirwa mu ngiro ry’ugushikiriza Niyoyankana Bonaventure uburongozi bwa UPRONA.

Kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, abaporisi ni benshi cane ku ngoro y’umugambwe UPRONA "Ku Mugumya" n’ibarabara rishika aho "Ku Mugumya" ryugawe n’igiporisi, nta n’umwe ashobora kwemererwa kurengana y’aba abashingamateka, n’abakenguzamateka bakomoka mu mugambwe UPRONA canke abamenyeshamakuru babujijwe nabo nyene kurengana igihe bari bariko berekeza aho "Ku Mugumya". Abaporisi bakababwira ko bafise itegeko, ko ata muntu n’umwe arengana.

N’aho biri ukwo, amakuru ava "Ku Mugumya" amenyesha ko ibiro vy’aho hari ingoro y’umugambwe UPRONA vyoba vyuguruwe ku nguvu isaha cumi z’agatondo, bikavugwa ko hari n’ibikoresho vy’umugambwe UPRONA vyoba vyabuzwe irengero, bikuwe muri ivyo biro vyuguruwe uburongozi bwa Nditije Karori butabimenyeshejwe.

Ayo makuru nyene ava "Ku Mugumya" abandanya amenyesha ko abo baporisi boba barungitswe gushira mu ngiro, ingingo yo gukura ku nguvu Nditije Karori ku butegetsi bw’umugambwe UPRONA, kugira asubirizwe na Niyoyankana Bonaventure, nk’uko urwandiko rwarungitse n’umushikiranganji Edouard Nduwimana rubivuga.

Hafi y’ihoteri "Source du Nil" n’ihoteri "Ego Hotel", abanyagihugu bazibiwe n’igiporisi agashavu karaniga, kuko bamwe babujijwe gushika mu mihana yabo, abandi bakabuzwa kuja kwivuriza kwa Rugambarara amenyo. Abashingamateka n’abakenguzamateka ba UPRONA, hamwe n’abandi badasigana bari muri ico kibanza bamenyesha ko bitumvikana ingene bobuzwa gushika ku ngoro y’umugambwe wabo UPRONA, bagatangazwa n’ukuntu umushikiranganji Edouard Nduwimana ariko akoresha igiporisi mu kwivanga mw’itunganywa ry’imigambwe, ndetse bakamwagiriza ko gusambura imigambwe yabigize ubuhizi, kugira umugambwe avamwo ugume mu gihugu wonyene.

Abadasigana b’umugambwe UPRONA baguma baza ku bwinshi. Gushika ubu ntituramenya namba Niyoyankana Bonaventure ahava ashikirizwa imfunguruzo zo "Ku Mugumya", mu gihe Karori Nditije ari kumwe n’abashingamateka nka bose n’abakenguzamateka bankiwe kwinjira mu nyubakwa bahora bakoreramwo, bakaba basubiye inyuma badashitse ku Mugumya. Inyuma y’aho, hakaba haje urwandiko ruvuye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, urwandiko rwamenyesha Karori Nditije ko atakirongoye umugambwe.


Egide Nduwimana & Aristide Nizigire

Messages

  • Ewee nkina mico yuburundi nakamuna biraboneka kobananiwe gutwara igihugu gitwarwa ninzavyi ngumu shikiranganji wintwaro yohagati?mbuwonumurundi?genda burundi warakubititsw kimw UPRONA ntizwirire nayo niwote ejo nuwundi mugambwe nibafashe iyindi migambwe barekinkinamico

  • Ivya kino gihe biragoye i Burundi.Nayo Niyoyankana ngira yanyoye isose(saucdm)y’igihuna.Arakenyeye asomere induru ivuga?

  • erega hari ico mutazi, famille niyoyankana yaravumwe n’umuvyeyi wabo imbere yuko yitaba Imana. ivyo ngira muravyibonera nk’uwari umushikiranganji wabasoda niyoyankana hamwe nuyo mushingamateka niyoyankana, bose bakora nkabasaze kubera iryo vumwe ryabo, tubasengere gusa kuko baragowe

  • ewe Eric Niyonkuru, ndagusavye uvuge politique, ariko ivyabavyeyi babandi mubireke kuko imiryango iryana ninkayose kwisi yooooose, urageza ngaho noneho vuba uwo Niyoyankana, mukuruwe numureke be na Se wiwe, naburya yitavye Imana.....

  • Ndababazwa cane n’itabagurwa ry’umugabwe wa Rwagasore!!! Aho y’ibereye ndibaza yatuntuye nimba abibona!!kubona abo yapfiriye aribo bariko bica igihugu yapfiriye!!! Iyo haguma abzungu badukubita ibimoko niho bari kuryoherwa???
    Imana n’ikingire igihugu cacu, kigiye kurwa mumanga!! abo ba Porona ni bababise ntibazobazwe ico batakoze!!

  • Niyoyankana ararengeje kuko kera bavuga ngo «uwushatse umuhutu namutuma uwundi» None ubu hadutse ngo« uwushaka umuporona amutuma Niyoyankana» Niyoyankana nagabanye inda kuko arabona ko nabatwa bihagazeko bakanka gukorera mukwaha kwaba DD

  • ariko ga Niyoyankana Urabona Neza Ko Wokworoherw Bagusubuj Umugabwe Wari Warawutanze?Ubona Kazoza Ka Uprona Koba Akahe Bawuguhaye Kandi?Abo Bagab Baraguhenda Kuk Bazokugra Nkuk Bagaz Rajabu Nabandi Utayobew.

  • Habuze uwobogora ubwo Burundi ngo tumufate mu mugongo? Ko naheruka Uburundi bufise inkerebutsi n’abashingantahe b’umutima ga ntu!!

  • ivyikigih biragoy pe.kimwe gusa iyo ivyo umurundi wese adashakako bamukora, atipfuza kubikorera uwundi;uburundi bwo kwogoroyeeeee kuko vyotuma abategetsi bikigihugu biyumvira inyungu zigihugu n’abarundi bose gurtyo ineza ikaganza mu gihugu cos.ok twibukeko ubwatsi busha bukabisa ubundi

  • CNDD FDD ntikimenya gutandukanya igihugu n’umugambwe, ariko noba ndabarenganya kuko ntibazi gutwara igihugu ico bisiguye

  • Ba mpema yuzuye nibo batuma igihugu kiguma hahandi.Ubona nkuwo Niyoyankana n’uruvyaro rwiwe arwiyunvira!Wapi ubu abona amaronko gusa yimirije guhabwa na CNDD-FDD abanje kugurisha abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.