IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibendera rya BNUB ryamanuwe rishikirizwa Reta y’Uburundi

Ibendera rya BNUB ryamanuwe rishikirizwa Reta y’Uburundi

vendredi 12 Kigarama 2014

Ibendera ry’ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) ryamanuwe kuri uwu wa gatanu. Iryo bendera ryashikirijwe uwari yaserukiye Reta y’Uburundi muri ivyo birori, bikaba vyerekanye ko BNUB isozereye ibikorwa vyayo mu Burundi.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ibendera rya BNUB (Bureau Integré des Nations au Burundi) ryahora rihungabana mu nyubakwa z’ahahora hakorera BNUB, ryamanuwe, rishikirizwa Jeffrey Fletman, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vya poritike, uwo nawe aca arishikiriza umushikiranganji Laurent Kavakure, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Iryo bendera ryamanuwe nk’ikimenyetso c’uko ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi (BNUB) busozereye ibikorwa vyabwo.

Muri ivyo birori, Jeffrey Fletman, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vya poritike, yamenyesheje ko naho BNUB igiye, ONU idahevye Uburundi, kuko bazoguma hafi Reta n’abanyagihugu, mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Tubibutse ko ibiro vya BNUB mu Burundi bizokwugara nyezina kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ndazi ko benshi batashaka ko bagenda mugabo Imana ishimwe ko bagiye amahoro kandi ko twakoranye neza

  • Ivyo nivyiza ariko mfise ubwoba ko ONU mukugenda vyoba nka kurya vyagenze mu Rwanda batererana abantu bagaca bapfa. Ubu naho ubwoba mfise wosanga babona ko bitoroshe bagaca bakura meza. Imana ifashe Uburundi nibizobe nko mu Rwanda.

  • JEWE MBONA BARI KURINDIRA AMATORA AKABANZA AGAHERA KUKO MURAZIKO IGIHE C’AMATORA KIGOYE. BAZOHAVA BIBUKA KUYORA BAMAZE GUSESA KUKO ABATOBA AMATORA BAZOCA BIKIKA MUKIZA KUKO ATAWUZOBAHARI YAMIRA. MUZOBA MUBONA IBIZOKURIKIRA

  • Amakenga yo ntiyobura none kuberiki bagiye himirije amatora we we ntubona ko harico bahunze.reka tubisire mumaboko y’IMANA.

  • HaaaaahaA mzohagabere abarundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.