Accueil > Ubutunzi > Ibibanza vyo mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ntibiratangwa
Ibibanza vyo mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ntibiratangwa
dimanche 22 Ruheshi 2014
Ibibanza vyo mw’isoko nkuru ya Cotebu ntibiratangwa nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma, yaboneyeho akaryo ko gukebura aboba bariko barahendwa basabwa amafranga ko bagiye kurondererwa ibibanza ko batosubira guhendwa.
Nk’uko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma abimenyesha, avuga ko ata kibanza na kimwe kiratangwa mw’isoko ya Cotebu. Saidi Juma akavuga ko ibikorwa vy’iyo soko bisa n’ibiriko birarangira, ubu igisigaye akaba ari ugushirako imireko y’amazi, mu mpera z’uku kwezi ivyo bikorwa bigashobora kuba vyarangiye. Umukuru w’igisagara ca Buumbura saidi Juma amenyesha ko niho hagera bazoca babimenyesha ku nsamirizi, hanyuma umurwi watowe urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu uheze urabe ingene ivyo bibanza vyotangwa.
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura arangiza asaba abanyagihugu kudahendwa bata amahera yabo ngo hari abariko barabaronderera ibibanza. Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko, bariko bararondera abo bariko bakora ubwo bubisha bwo guhenda abanyagihugu.
Floxella Karire
Messages
22 Ruheshi 2014, 21:56, par mukobwajana
MBEGA JUMA YAJE GUTERA DESORDRE GUSA ,,VILLE IRANUKA AKAJAGARI MU MASOKO KUBUZA MANIFESTATION ...YOOOO NTUZI ICO WOKOZE