Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ibibazo bizokwigwa hagati ya Palestine na Israyeli biratanguye (...)
Ibibazo bizokwigwa hagati ya Palestine na Israyeli biratanguye kumenyekana
dimanche 21 Mukakaro 2013
Leta ya Israyeli yatangaje ko ifise umugambi wo kurekura bamwe mu mpfungwa z’abanyapalestina nk’ikimenyetso cerekana ko gutanguza ibiganiro vy’amahoro biyihuza n’abanyapalestina biri mu nzira.
Umushikiranganji wa Israyeli w’imigenderanire n’ibindi bihugu, Yuval Steinitz, yavuze ko izo mpfungwa zizopfungugwa aho bazipfungiye hose, kandi yongerako ko harimwo n’impfungwa zikomeye zirimwo abamaze imyaka igera kuri 30 mu munyororo.
Ivyo Israyeli ibitangaje inyuma y’umunsi umwe, umushikiranganji w’ugufashanya wa Leta zunze ubumwe z’Amerika, John Kerry, avuzeko ibiganiro vy’amahoro imbonankubone hagati y’abanyaisirayeli n’abanyapalestina biri hafi bikaba ku ncuro ya mbere mu myaka itatu iheze.
Ariko rero nk’uko bivugwa, ngo impande zompi zoba zibandanya kutumvikana ku bibazo bikomeye harimwo ivy’imbibe, ubutaka bw’abanyepalestina Israyeli yigaruriye, n’umwanya igisagara ca Yeruzalemu kigombwa guhabwa.
Floxella Karire