Accueil > Amakuru > Amashuri > Ibibazo vy’ukwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro vyatanguye (...)
Ibibazo vy’ukwinjira mu gice ca kabiri c’ishure shingiro vyatanguye gukorwa
mercredi 8 Ruheshi 2016, par
Abanyeshure bo mu mwaka w’icenda mu nyigisho z’ishure shingiro, hamwe n’abo mu mwaka w’icumi mu nyigisho za kera, batangura kuva kuri uwu wa gatatu gukora ibibazo bibaha uburenganzira bw’ukuja mu gice ca kabiri c’inyigisho z’ishure shingiro. Abo banyeshure bose hamwe bakora ico kibazo barenga ibihumbi amajana abiri.
Abo banyeshure bazokora ibibazo bitandukanye bijanye n’ivyigwa bitandukanye bakurikiranye. Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho avuga ariko ko abazotora ico kibazo bazoca biga hamwe muri ico gice ca kabiri.
Mu kiganiro uwo mushikiranganji yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yamenyesheje ko abari mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro bakora ivyigwa vy’indimi (igifaransa, ikirundi, icongereza hamwe n’igiswahili), ibiharuro, ivyigwa vy’ubuhinga, ivyigwa vy’imibano, hamwe n’ivyigwa vy’ukwitunga mu buzima (Entrepreneuriat).
- Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’inyigisho
Abari mu mwaka w’icumi bakora igifaransa, ibiharuro vy’ubuhinga (Physique na Chimie).
Mw’itunganywa z’inyigisho nshasha z’ishure shingiro, abanyeshure bazoyoberwa ico kibazo ntibazoshobora kubandanya amashure yisumbuye, aho mukamenya ko naho bazoba batoye ivyigwa vyo mw’ishure, ico kibazo kibananiye batazobandanya izo nyigisho mu mashure yisumbuye. Bazoca bahabwa urupapuro (Certificat), hanyuma bigishwe imyuga.
Abazoba batoye ico kibazo nabo, yaba abo mu mwaka w’icenda w’ishure shingiro canke mu mwaka w’icumi mw’itunganwa ry’inyigisho za kera, nabo nyene bazoronka urupapuro (Certificat) rwemeza ko barangije umwaka w’icenda n’uw’icumi, bace babandaniriza hamwe mu gice ca kabiri c’amashure yisumbuye.
IGIHE
Messages
8 Ruheshi 2016, 15:21, par Junior Nduwimana
Ivy-indero y-uburundi nukubiha Iman mwize neza natwe mwishe imitwe y-abana muhinduye vyose mwishe igihugu ca kazoza
8 Ruheshi 2016, 17:34, par Emanuel
Ewebiragoye Sinize Arikonabone Bazosangatungana. Manabagarukirebamenye
9 Ruheshi 2016, 06:30, par 79754880
Imana Yofasha Bakamenya Kugira Bazoronke Uburenganzira Bwo Kuja Mugice C’amashure Yisumbuye
9 Ruheshi 2016, 20:34, par Elvis
Turagusavye Mana Utuj Imber Dushobor Kwunguruza Mumashure Yisumbuye
10 Ruheshi 2016, 10:08, par Ntare 6
Nibaza ko uwatunganije ivyo bintu afise iyindi ntumbero atari iyo guha ubumenyi abanyeshure. Nta nahamwe ivyo biba atari iwacu gusa aho ubwenge babucuritse
12 Ruheshi 2016, 10:24
ntakundi abanyeshure b’uwicenda na b’uwicumi turatashe niyo RETA Itatwiyumvirira!
12 Ruheshi 2016, 10:26
ntakundi abanyeshure b’uwicenda na b’uwicumi turatashe niyo RETA Itatwiyumvirira!
13 Ruheshi 2016, 14:00, par Alexis Ntak
None hoho komwatubajije nabi mugomba dutahe?Kiryakibazo mwabona kizokora abana bo mu mwaka w’icumi?Murabura mudusohore muduhe amasuka tuzorimisha n’imipanga yo gutema ahomutwirukanira.Mugomba tuzopfe twangara?Mugomba tu zorarekumena amazu y’abandi?Je ndabona atagihinduwe yuko indero muburundi ya titutse.Ngirango nukubera ayanyu mwayahejeje niho mudyoherwa dutashe.Naho atawawe yoba atarimwo siho woca ufata ingingo nkizo.
23 Ruheshi 2016, 21:35, par Umunyeshuri
Nukuri Ivyo Mutugirira Ntimugire Ngo Nivyo Uwi Mana Yandikiye Kuyamara Azoyamara. Naho Muturya Imitima Mukaduhabura Ntangorane Burya Ubwatsi Burakura Bukabisa Ubundi Ivyo Mutugira Tuzo Bigira Abana Banyu Canke Abuzukuru Banyu Nimukomeze Uwandikiwe Kuyamara Azoyamara Imana Iratubona Naho Mushaka Kutugirira Uko Mushaka.
23 Ruheshi 2016, 22:13, par Umunyeshuri
Nukuri Ivyo Mutugirira Ntimugire Ngo Turabishima. Uwi Mana Yandikiye Kuyamara Azoyamara. Muducurika. Mwongera Muducurura. Nimubitugire.Uko Mushaka Kandi Ubwatsi Burakura Bukabisa Ubundi Ivyo Mutugira Harigihe Tuzobigirira Abana Banyu Canke Abuzukuru Banyu. Nimubandanye Mutora Ibibazo Kuko Mwaradutoreye Turabona Courage.
20 Mukakaro 2016, 22:03, par Umunyeshure
Ukomubigira Kwose Nimudutahure Harigihe Vyobagarukako Abo Mumwaka W’icumi Mwabahaye Ibigoy Non Muratwirukanye Nbe Iyo Myunga Muvuga Bayiyize Mumwaka Wakangahe? Ntaco Imana Izoruca Iraraba Ubuzima Tugiye Kubamwo.