Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibice 3,7 kwi 100 vy’abarundi nibo bafise ubushobozi bwo kwuguruza konte (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibice 3,7 kwi 100 vy’abarundi nibo bafise ubushobozi bwo kwuguruza konte (...)

Ibice 3,7 kwi 100 vy’abarundi nibo bafise ubushobozi bwo kwuguruza konte mw’ibanki

mardi 19 Munyonyo 2013

Mu matohoza yakozwe n’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), mu Burundi abantu bagera ku bice 3,7 kwi 100 boba begeze kwururuza ama nkonte mu maba banki. Ico gitigiri kandi ninaco kingana n’abafise uburyo bwo kwuguruza ikonte mw’ibanki mu Burundi. Abarundi basigaye bakaba bafise konte mu bindi bigo vyo kuziganya no kugurananana.

Amatahoza yakozwe mu mwaka uheze w’2012 yerekanye ko ibice 12,5 kwi 100 arirwo rugezo rw’abashobora kwuguruza ama konte muma banki yo kuziganya no kuguranana. Muri ayo matohoza nyene yo ku rwego rw’igihugu, ibice 2,9 kwi 100 vy’abantu barenza imyaka 18, nibo bonyene bafise inkonte yo kuziganya mw’ibanki yemewe imbere y’amategeko. Nayo igitigiri c’abafise konte kikaba kivana n’uburyo abantu bafise. Ivyo biharuro rero bikaba biri hasi cane. Ivyo bikaba vyashikirijwe mu ruganda rwateguwe n’Ibanki nkuru y’igihugu(BRB).

Mu ntumbero y’ivyokorwa kugira abanyagihugu benshi bashobore kaguruza ama konte kandi baronka amadeni, ibanke nkuru y’igihugu(BRB) yarakoze icirwa. Iyo banki ikaba yafadikanije n’igisata kiraba uburyo bwo kuronsa amadeni abanyagihugu kugira biteza imbere AFI (Alliance pour l’Inclusion Financiere).

Urwo ruganda rwari rwateguriwe abari mu bisata bitandukanye biraba ivy’ubutunzi bw’igihugu, aho twovuga abategetsi bo muri Leta bajejwe ivy’ubutunzi, amazu ajejwe ivyugutumatumanako amakuru, abashingamateka baraba cane cane ivy’ubutunzi, amakaminuza, ibigo bijejwe kugira ubushakashatsi mu vy’ubutunzi, amashirahamwe mpuzamakungu muri ico gisata, ubuserukizi bw’ibihugu busanzwe bushigikira Uburundi muvyo ubutunzi hamwe n’abahinga badasanzwe baranonoye ico gisata.

Nkuko vyashikirijwa n’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu, Ciza, intumbero nyamukuru y’urwo ruganda akaba ari uguhanahana ivyiyumviro ku vyokorwa kugira igisata kiraba ivy’ubutunzi cisununure na cane cane mu bijanye no kiziganya hamwe no kuguranana.

Ku bijanye AFI, umuyobozi w’ibanki nkuru y’igihugu amenyesha ko intumbero nyamukuru y’ico gisata ari ugushigikira abanyagihugu mu bujanye n’uburyo haba mu kuronka amadeni canke mu kwuguruza ama konte mu buryo bworoshe kugira biteze imbere.

Zimwe mu ntambamyi zibuza abantu kwuguruza ama konte, akaba ahanini ari ubukene, ukudashobora kuronka ayo kuza uraziganya hamwe no kudashobora kuronka amafaranga asabwa kugira ikonte yuguruzwe.

Kugira intumbero y’urwo ruganda ishikweko, ibisata vyose vyerwa n’ico kibazo kirangwa mu Burundi bihamagariwe guhagurukira rimwe. Abo nabo vyega ni abategetsi bari muri Leta, ibanki nkuru y’igihugu, amabanki manini n’ama microfinance ajejwe ivy’urudandaza, hamwe n’amashirahamwe asanzwe akora nk’amabanki.

Mwomenya ko igisata AFI gifise intumbero yo gushira imbere andongozi mu vya politike, ibikoresho vya nkenerwa n’uburyo bukwiye kugira bashoboze abanyagihugu batifise mu bijanye n’ubutunzi nabo bashobore gushikira bitagoranye ibisata bijanye n’ivy’ubutunzi bongere baronke n’akarusho mu vyo basanzwe bakora mu bijanye n’ubutunzi


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.