IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibice 35 kw’ijana nibo bafashwa gusa n’amashirahamwe ategekaniriza kazoza (...)

Ibice 35 kw’ijana nibo bafashwa gusa n’amashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi

jeudi 7 Myandagaro 2014

Abarundi bagera ku bice 35 kw’ijana nibo bonyene bafashwa n’amashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi, mu gihe mu bindi bihugu usanga barenga ibice 90 kw’ijana.

Ishirahamwe OAG rifashwe mu mugongo na OxfamIco, ryarakoze icirwa ku mashirahamwe amwe amwe ategerekaniriza kazoza nka INSS, ikigo ONPR, Mutuelle de la fonction publique. Intumbero yari iyo kuraba kazoza k’abakozi ingene kameze muri kino gihe, bakongera bakaraba ko Reta yashize mu ngiro umugambi yiyemeje muri wa mugambi w’igihugu wo gukingira abakozi. Muri ico cigwa basanze abafashwa n’ayo mashirahamwe ari bake naho nyene ugasanga ni abakozi ba Reta hamwe na bamwe mu bikorera utwabo, ariko ugasanga hari imice y’abakozi bibagiye iyo nayo ni aborozi, abarimyi, ababaji, n’iyindi mice isa niyibagiwe. Abo bose bari bakwiye gushikirwa, nk’uko umuhinga yakoze icigwa Eugène Sinzumunsi abivuga.

JPEG - 194.3 ko
Eugène Sinzumunsi, umuhinga yakoze icigwa

Mu ngorane zindi basanze ari uko muri ayo mashirahamwe, ata gutunganya neza ibigega bajejwe guhari. Ikindi abahinga bamenyesha, n’uko basanze abageze mu zabukuru amahera yabo babaha ari make cane ugereranije n’ingene ubuzima bwifashe muri kino gihe. Amafaranga ayo mashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi akoresha, basanze ari make, mbere bagasaba amakungu kubafata mu mugongo bakabunganira.

Ishirahamwe OAG risaba Reta, amashirahamwe ajejwe gutegekaniriza kazoza abakozi nka INSS, ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta, Mutuelle ko boza barayaga kugira barabe ingene boteza imbere kazoza k’abakozi. Basaba kandi ko rwa rwego ruraba kazoza k’abakozi ko boraba bakagwongerereza uburyo. Mutuelle nayo ikwiye gushika hose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.