IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibice 80 kw’ijana vy’amafaranga akoreshwa na Leta avuye hanze (...)

Ibice 80 kw’ijana vy’amafaranga akoreshwa na Leta avuye hanze ntibiraboneka

vendredi 13 Nyakanga 2013

Integuro y’amafaranga Leta yari yategekanije gukoresha igice cayo caramaze kuboneka, kiretse ayari kuva hanze hamaze kuboneka ibice 20 kw’ijana gusa, mu gice umwaka usigaje amezi amezi atatu gusa.

Mu cigwa cakozwe n’umuhinga Sinzinkayo Léonce abisabwe n’ishirahamwe OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale) rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta, bigaragara ko mu gice ca mbere c’umwaka w’2013, amafaranga Leta yari yateguye gukoresha ataraboneka yose. Igihengeri ahanini cabonetse ku nteguro y’amafaranga yari kuva hanze mu ntererano z’abafasha Uburundi. Iyo rero amafaranga yemewe atabonetse yose, imigambi yari yarateguwe ica ihagarara, Leta igasigara ikora ibikorwa bibayabaye, ivyo navyo ntibiheze ngo bizanire iterambere igihugu. Umuhinga Sinzinkayo Léonce amenyesha ko umuti ari uko abajejwe intwaro boza barakurikiza ivyo abafasha Uburundi basaba, abajejwe gutororokanya ayo mafaranga nayo bahimirize ababa barayemeye gushitsa amasezerano.

JPEG - 41.1 ko
Umuhinga Sinzinkayo Léonce

Nk’uko Sinzinkayo Léonce yabandanije abisigura, amadeni Leta yafashe mu gihugu yariyongereye cane, ku mwaka ku mwaka akaba aduga ku bice mirongo itatu kw’ijana. Muri ico cigwa, umuhinga ahimiriza Leta kugabanya ayo madeni kuko ariyo azingamika ubutunzi bw’igihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.